3 commentaires sur “Liste des participants au prochain dialogue d’Arusha

  1. Aho niho bibonekera neza ko atamahoro agiye gushikwako mu Burundi biciye kwa Mkapa.
    Ex. President wa Tanzania Benjamin W Mkapa yavze ngo amatora yarabaye, Nkurunziza yaratowe, amakungu ararungika abaserukizi. Kuri aya majambo avuga nta kintu nakimwe kivuga ko ashigikiye Nkurunziza. Ndumviriza kenshi amajambo yavuze, biraboneka ko ashaka kubafasha, ariko agafasha abantu biteguye, bafise ico berekana. Yavuze ko abavuga ko ariwe aha Nkurunziza icubahiro c’uko yatowe mumategeko ko bataye umutwe. Kuko habaye inzego zo mugihugu nizo mukarere nyinshi zemeje ko yatsinze amatora mumategeko.

    Kimwe abantu bakwiye kumenya n’uko Nkurunziza atazorekura ubutegetsi kuko nta n’umwe ariho wo kubumwaka. Uravye urutonde rwatumiwe kuja Arusha, nta n’umwe muribo yokwemera gutwagwa n’uwundi uretse umuvugizi wa Rwasa gusa. Iyo mutemerana nta munyamahanga azobemera. Mkapa igihe yari President wa Tanzania niwe yafasha Nkurunziza n’abo barikumwe kubera bavuga ngo n’ubuhutu bwabo bazira. Bashaka guhabuza abahutu. Igihari yose yari muri kirya gihugu kibanyi umurongozi Mkapa yeye yari Nkurunziza, abo yashaka ko badasubira gutwara igihugu bari abatutsi, muba Hutu uwo yemeye yari Nkurunziza kandi ntazo muva inyuma, kwarabonye ko n’uwamusubiriye yari incuti yakadasohoka kandi akamufasha kwanka uwundi mubanyi woharuguru kandi ariwe yarahuriko vyinshi na Nkurunziza.

    Abahoze batwara igihugu simbona impavu bagiye Arusha. Hari inyishu bagiye kutanga?

    Abo bose bari kurutonde Uretse Alice Nzomukunda kuko yarekanye ko atavugira mivumbi kuyivumba, ntiyashoboye gutamikwa ijambo ngo abe niryo. Bernard Busokoza nawe nyene yerekanye ko adatamikwa ijambo ahakwa kubizira. Abandi bahoze canke bagifise ico bahagarariye mu Burundi, bashaka amagabura nyama ntakindi. Ariko rero Hariho bashasha ntashaka kuvuga barimwo bashasha muri Politic, batarahonja ubutegetsi bw’igihugu boronka abahanuzi bakunda igihugu, botwarira bose ariko abakoze ikibi bakabihanigwa. Abandi bashaka ko baja kwipanga ngo baronke ibibanza bakomeze ivyahahora. Kwica no kwangaza.

    Rero emera mutore umurongozi umwe mwese muhuriyeko kugira agarukane igihugu kumurongo, u Burundi busubire buramutswe abagabo n’abagore b’ijunja n’ijambo. Umurundi asubizwe agateka. Umututsi yumve ko ari mugihugu ciwe, Umuhutu nawe y’iyumve ko ari mugihugu ciwe, umutwa n’umuganwa uko. Ariko inkozi zikibi zo mubwoko bwose zihanwe n’amategeko.

    Abo rero baja kwisunzu yinzu n’amasengero ngo bashaka ONU canke ngo amakungu, nibasubire bige kahise ico jewe nita histoire. Murgihe muzoguma muri ubusimbira hamwe nta n’umwe azosesagura utwiwe ngo aje gufasha abantu batemera ko bataye umutwe. Iyaba banavyemera hoho vyoba mitende, umuntu yobafashiriza n’aho muri. Mudatahura uko amakungu akora rero, nti musubire guhenda abo barundi bishwe na kigoye bakicwa n’inkota ya Nkurunziza ngo mubafitiye kazoza.

    Itegurire 2020 muje mumagaburanyama ntakindi gisigaye niba muzi neza process amakungu akoresha.
    Ivyo mwagiriza Nkurunziza nk’ivyaha yakoze, bitandukanye n’ivyaha nyakuri ariko akorera uBurundi n’abarundi.

    J’aime

  2. Mr, Mkapa, mbega uho ubanza kubanza nkurunziza umu pasteur wabajje ba ngoyagoye na ntamwana ko ari aba senyeri plus respecte que lui. utanguye gusaba uruhusha vyyerekana kukimufasha kumwe yari mwishamba ariko bazokuvira hasi wa mutama we ntiwoguma ushaka guta mumanga abarundi bose bo banyenigihugu pour mettre en avant vos petits interetes hutisant. teshwa ute hama uwomukoshi twaronse uhomoke ugende atakindi ufise mumutima mubi wokwihora 72,imvange nimbi!

    J’aime

Laisser un commentaire