KIDUMU s’indigne face au sabotage de son concert en Australie

kidumuNdabaramukije !

Muri Australia maze gukora concert zibiri Kandi zagenze nabi kubera kutitabirirwa nabantu . Hari isekeza ririko rirakorwa nabarundi bamwe bamwe kuma reseaux sociaux yuko abantu batokwitabira ibiteramo vyanje kubera impamvu bita ngo niza politique .Kandi vyagenze uko nyene uko bavyifuje ! Bravo mwese abakoze iryo sekeza kubera mwashitse kuco mushaka .

Ndiko ndazira ko nagiye I Burundi mukwezi kwicenda guheze hanyuma nkora akazi ko guteramisha abantu( abarundi nabanyamahanga basanzwe bibera mu Burundi )  ndabahuza Bose hamwe muri foire yari yatunganijwe na banyakenya ( ambassade ya Kenya I Bujumbura)  kurya nsanzwe ndabikora hose aho mba ndi .

Ndiko ndazira ko ivyiyumviro vyanje uko mbona ibintu . Uko rero vyagenze kuri runo rugendo kuva nshika muri Australia nico nokwita sabotage na boycott . Jewe kubwanje mbona ari uburenganzira bwababikoze kubera ntamuntu yariye urwara uwundi Kandi umwe wese arafise droit yokuvuga ivyo yiyumvira vyiwe

Vyatumye nibaza ibintu bikurikira:

  1. Sindi muri leta
  2. Ntakibanza nakimwe ca politike ndimwo
  3. Sindi umurwanyi simfise umurwi waba rwanyi wovuga ngo nshitse I Bujumbura nce ntanguza intambara
  4. Sindi umukozi wiyo leta mwoba mutavuga rumwe
  5. Akazi kanje Ni uguhumuriza imitima yababaye biciye mundirimbo none murashaka ntangure akazi ko kuza ndagumura abantu ?
  6. Ego mutaje Mu biteramo vyanje ariko hakaza umuntu umwe gusa yankunze kubasumvya Jewe nkamuririmbira Kandi akanezerwa none ntimwumva ko nkikora kakazi nyene Kandi atamahera nashize imbere !?

Ibiriko biraba ndavyemeye nkumugabo Kandi ndemeye uwo musaraba mumpaye ngo nikorere inyishu yanje kuri ibi Ni uko naho hosigara umwe muri salle Jewe nzomuririmbira azoba ariwe muntu yankunze gusumvya abandi .

Sindi umunyepolitike ! Muvyemere Canke mubihakane  . Abanyepolitike baja Tanzania guhura na Benjamin Mkapa kuvyerekeye ibibazo vya polike Kandi Bari Mu migambwe Jewe sindi umunyepolitike ntana mahera cumi yamarundi ndigera nrya muvya politike

Mperuka politike kuyijamwo muri 2005 aho nari mumugambwe wa MRC rurenzangemero yokwa Bayaganakandi Epitace nshaka kuba umushingamateka ! Birananira ncendemera yuko ntafise ingabirano yavyo ncandabivamwo ntanyota gushika ubu mfise yokubisubiramwo . Uko Niko kuri kuzima Jewe nivugiye ! Nta politike nshobora kujamwo ntanivyo nshoboye . Abakunzi banje bamwe bamwe bambwiye umusi umwe yuko inyuma ya Canjo Amisi apfuye ngo u Burundi ( abarundi Bose bomumirwi yose, namadini yose etc) bwaciye buronka jewe bica bituma ngira ubwoba bwinshi kuko naciye nibaza yuko nzorangiza nabi nka Canjo Amisi aho batanguye kumwita ko yari umugabo amaze gupfa ariko mubisanzwe ataco bigeze bamumarira

Rero kurivyo nimba kuba umuririmvyi wumurundi uririmvye mu kirundi bica bivamwo amatiku , gukururana mumpande zokwegamira muvya politike aho ngiye Mu Rwanda bamwe bamwe I Bujumbura ishavu rica ribaniga ngo ndabaye icitso cabanyarwanda kuja kuririmbayo mubihe nkibi aho biboneka yuko hariho ukutumvikana hagati y’urwanda n’uburundi eka n’ impunzi zabarundi ziriyo Ico gihe zica  zimbona nkintwari . mvuye mu Rwanda nca nja I Bujumbura abo nasize Mu Rwanda ishavu nabo ryaciye ribaniga Jewe mbonako hageze ko ndirimba muzindi ndimi igiswahili nizindi ndimi nakare wari umutima wogukunda no gukingira akaranga nimico vyi gihugu camavukiro . Aho nashikanye ikirundi mumiziki harakwiye abandi reka nabo babandanye barenze isemo .

Murakoze

NIMUBONA Jean Piere aka KIDUMU

9 commentaires sur “KIDUMU s’indigne face au sabotage de son concert en Australie

  1. Erega kugira commentaire kuri politike iri mu gihugu mu ntumbero yo guhanura ni igikorwa c’umuririmvyi.Rero komera kw’ibanga, ugume uhanura abarundi n’abanyapolitique b’impande zose utabasize inyuma.Ahasigaye wiyubare abicanyi ntibaguhitane. »Baramenje abishe » na nubu baracamenja.Komeza ubahanura.Ariko ubace kure mu Burundi no mu Rwanda bica vyoroshe.Uraririmbira ahandi.Turacagukeneye.

    J’aime

  2. Jewe ndatinya ko nubu a travers iyi article Kidumu akoze politique. Abaririmvyi baririrmba ntibitabwe ni benshi. Kidumu, jewe mvuga nti komera kandi umenye ingene wifata. Nta mu star numwe akomerwa amashi na bose. Ikiri important nico ukora. Ariko niwabandanya ushira inguvu kukuvuga ivyo abantu bakoze au lieu de te concentré sur la qualité de ta musique, c’est de la politique et non de l’art. Never talk about what people did for you or against you. Talk about music, improve the quality of your music, people will come but complaining will not do.

    J’aime

  3. A vous Kidumu et les autres artistes burundais :sur toute la planète on ne mélange pas politique et culture. Mais si on le fait il ne faut pas faire comme si on ne savait pas. Arrêtez de vous expliquer les gens qui vous boycottent ont des raisons à eux.

    J’aime

  4. Ahubwo uravye nabi kidumu ntuzomenya ntituzomenya uwukwishe.Nawe raba,uruhande rumwe rwose rushaka ko urushismisha bisigura ko uhisemwo gushimisha rumwe uca uheba urundi.impande zose zirakurwanira.None muri zompi uruzogutwara ni uruhe?Uruzobona umengo rwoguhomba canke umengo wase gukorana narwo canke kandi umengo uriko urarwanya inyungu zarwo ruzorondera kukuzimanganya ruvuga ruti tumuhombe twese.Ariko nizere ko bitazoshika iyo hose naho umengo muri kino gihe ntakidashoboka;reo noguhanura de réfléchir plus d’une fois avant de poser chaque geste.

    J’aime

  5. Ntugahendwe n’abanyepolitique !!! Kandi nta munezero w’abarundi bamwe bamwe umunezero twabwirizwa kuwusangira twese abarundi. Ririmbira abarundi bose , kandi uririmbe indirimbo zo guhuza abarundi bose abahunze n’abatahunze. Nta nyagupfa nta nyagukira nimba ukunda uburundi , ugakunda n’umwuga wawe , uriga kuba umuyakuri , iciza ukivuge mbere n’ikibi naco ukivuge ataho uhengamiye.Birumvikana ko uri mu ngorane zikomeye kuko bakwagiriza guhengamira kubafise ubutegetsi uyu musi. Igihe waririmba WARAMENJE UWISHE , nibaza ko wariye umutima amenyo mukubahuka kuyisohora kuko kirya gihe abariko barica bari mu mpande zose ariko warubahutse kubibabwira kandi ntaco wabaye. N’ubu turi NKO MURI KIRYA GIHE nico gituma wohagarara hagati ukaririmba indirimbo zotuma abariko baratoteza abandi basubiza inkota mu rwubati aho gushaka kwerekana ko igihugu gitekanye hari abariko barwa mu gahinga ka nyaga na nde? Abarundi si ibijuju barabona ko ushobora kuba uriko urashigikira uyu canke uriya ku ryeri ku rwenge ,gutryo nawe ukagacamwo ukahungukira na kare abarundi barayamaze ngo ata gapfuye ntagakira.Ariko twige kubabarana twese.Mbega ko witwa umuririmvyi Rurangiranwa woba urakubitira i Mahama canke mu makambi ya Tanzaniya ngo wirabire aho umwana avyara uwundi ? Mbega ko wagiriwe ubuntu n’Iyakuremye ubona wofasha iki Leta n’abayirwanya kugira bumvikane? Mbe kubwawe umuti woba uwo kudadaza ku mpande zose canke boca bugufi ku nyungu z’igihugu cose ? Kunyinyana haba mu vy’intambara canke mu vya ki diplomatie vyose bizingamika igihugu mu gihe ababipfa bo bamerewe neza na kare ngo hari abatunga aruko uwundi agubamye. Babwire babe nka Mandela canke nka Rwagasore eka n’abandi nk’abo tuzi barwaniye ibihugu vyabo mu buryo budasanzwe. Ntihagire uwurondera kuba Mandela w’abahutu canke Mandela w’abatutsi nk’uko tubibona mu bushorishori bw’igihugu.Abarundi turi bamwe ivya Gahutu- Gatutsi bivyara umuvumo ku gihugu muramaze kuvyibonera n’uko mudahaha , mwaranavyiboneye aho hakurya i Rwanda aho hafi umuriyoni w’abanyarwanda ataco bazi basasikwa izuba ryaka bene umurango babona .Reka guceza umuziki rero gusa uhindure umukenyuro , urririmbe ikirundi ahubwo aho kwihebura ahandi ho uta akaranga ukaba utaye akabanga.

    J’aime

  6. Kidumu we, humura humura wewe nta kabi kawe. Ababi ntibakorera muri concert bakorera mun kinyegero. Jewe nk’umurundi ari mu Burundi kandi atemera ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza ndaguhanuye ntute umwuga kuko ntawe uzoba uriko urashavuza. Hari abashaka gishika aho ushitse bikabananira nibaza ko abo aribo bakurwanya. Ahubwo nyabuna raba uzonyaruke usubire kutwibagiza induru turimwo!

    J’aime

  7. KIDUMU bakuziza ko wubahutse kuja kuririmbira CNDD-FDD uvuga ibihushanye nibiri mugihugu!!uririmba amahoro kandi urwaruka bariko bararutikiza!!!!ntamuvyeyi yahekuwe ntanapfube uwiwe yokwihanganira!

    Iriinde politike!!!reka kuririmbira ubutegetsi !!bwobwo burahera! burahemuka!!!ariko INDIRIMBO ZAWE ZIZAMAHO.

    ITEKANIRE RERO! TUGUHARIRE NATWE TUZOHARIRWE NTITURI ABERANDA!

    J’aime

  8. Je ndi mumurwi urwanya leta ya cndd-fdd, nagomba guhumuriza Kidumi, abo Bantu bime amatwi… Abarundi benshi turagushigikiye, nuburenganzira bgawe nkumuhanzi kuja i Burundi, i Rwanda n’ahandi… Komera kumuheto ugume uririmba mu kirundi indirimbo zawe nizo guhanura, ntutinye rero abo banyamacakubiri batazi gutandukanya ibintu.

    J’aime

  9. Nguhanure nk’umurundi mwenewanyu. Jewe mba muri Amerika, kandi ivyo mbona bisa n’ivyo uhaye wibona ko. Abarundi ntituratera imbere muvyiyumviro. Turafise ivyiyumviro vy’igikoroni. « Munyankire » nizo ngese ziri mu bwongo bwacu. Ku bwanje rero mugenzi, shishikara n’umwuga wawe wiyemeje. Ubundi iyo ubonye ata ruhande na rumwe rukuvuga neza, bisigura ko wariko objectif zawe wazishitse ko. Iyo ushimisha abo mu Rwanda gusa, waba ufise aho uhembamiye. Kandi iyo uja gushimisha ab’I Bujumbura gusa, vyasigura ko ukunda bamwe gusa. Ahubwo BRAVO KIDUMU. Ni bakwandike mu mateka. Kubiheba bisigura ko utsinzwe kuri objectif zawe kandi zari ku nzira nziza.
    Tumenyere no kwakira ama echec mu buzima bwacu bizodufasha, kandi l’home se mesure devant l’obstacle mon ami Kidumu. Mfise vyinshi nokwira ariko ibi birabaye

    J’aime

Laisser un commentaire