Démenti de RADJABU Hussein sur les informations diffusées par la radio INZAMBA

hussein-radjabu

UMWIHWEZO W’UMUGAMBWE CNDD-FDD URAZWA ISHINGA N’IYUBAHIRIZWA RY’AMATEGEKO KU MAKURU YA RADIO INZAMBA YASHIKIRIJWE N’ UMUMENYESHA MAKURU PARFAIT MUDASIGANA KUWA 24 MUKAKARO 2017.

Koko Sylvestre Ndayizeye yinjiye mw’idini rya Islam bitumwe n’uko agiye mu rugamba rwa CNDD-FDD yasanze HUSSEIN RADJABU akomeye muri uwo muhari ?

Oya namba.Nta Sylvestre Ndayizeye yinjiye mw’idini rya Islam mu ntango y’urugamba rwa CNDD-FDD nk’uko Parfait MUDASIGANA umumenyeshamakuru wa radio INZAMBA yabisiguye kuwa 24 Mukakaro 2017 mu mwihwezo yagize wubakiye ku makuru y’ibinyoma yahawe yise ngo n’ayo kwizera. Nk’uko RADJABU Hussein abisigura, nyene kumuha ayo makuru yayandikishije ikaramu ya Politike. RADJABU Hussein asigura ko azi SYLVESTRE Ndayizeye kuva mu 1984 ari muri iryo dini. Yari amakuru ajanye n’inyifato mbi uwo mukinagizwa wa Petero NKURUNZIZA yagize mu nvugo yo kugabisha uwahoze ari Umukuru w’igihugu Domitien NDAYIZEYE.

Iyo nvugo nayo RADJABU Hussein akaba amenyesha ko iyo nvugo igayitse, igayisha nyene kuyivuga n’akarwi akorera. Sylvestre NDAYIZEYE ntiyashihikiye RADJABU Hussein mu matati yaranze CNDD-FDD mu 2007 nk’uko vyavuzwe muri ayo makuru ya Parfait MUDASIGANA. Ivyo n’ibisigurwa na RADJABU Hussein arongoye umugagambwe CNDD-FDD urazwa ishinga n’iyubahirizwa ry’amategeko muri aka kabati k’inkuru za YouTube https://youtu.be/9H6Ttmp_CvQ

NYABENDA Jérémie

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s