L’Honorable Hussein Radjabu réagit au retour de l’ambassadeur NDAYISENGA Félix en réplique à un article publié sur BUJUMBURA News

Radjabu 07032017 211153DUTERE RYARENGA N’IKINYAMAKURU BUJUMBURA NEWS. NI KUBIJANYE N’IVYO IBONA KO UBUTEGETSI BW’I BUJUMBURA BWAKUBISE BIKOMEYE UWO BITA RADJABU.

Ikiyago canje na Bujumbura News gihagaze ku gutaha kwa NDAYISENGA FELIX yahoze aserukira Uburundi mu gihugu c’ububirigi.

Bujumbura News ngo kubona Ndayisenga FELIX yihakana ko ataco asana n’uwo bita RADJABU, ngo vyerekana ko bamwe mu mboneza za politike bafyina mu gutora abo bafashanya. Bisigura ko FELIX yoba yaratowe muri ako gafyinyi.

Inyishu : Félix Ndayisenga yahoze aserukira Uburundi mu gihugu c’ububirigi gushika mu kwa kane mu mwaka wa 2015, ari mu bagumyabanga benshi batashigikiye ikiringo ca gatatu bamwe bita nkorabara mu Burundi. Ninavyo vyatumye asubirizwa.

Yaregereye abagumyabanga biyemeje guharanira amategeko, yerekana ko afise intererano ijanye n’ibihe Uburundi bwari bugeze mwo baramwakira. Baheza bamushikana aho bategerezwa kumushikana. Siwe wenyene, n’uko kugushaka kwiwe ariwe yipfuje kuja ahabona no guseruka amenya mu mibonano.

N’UKO

1. Kubona atashe akavuga ko ataco asana n’uwo bita RADJABU, Bujumbura News n’itangare gusa ariko ibitahure.

INYISHU

Bujumbura News ntiyiyibagize ko ukurinda atari impano ya bose. Iribagiye aka kanya abishwe bagapfungwa, abandi bakangazwa bazira izina rya Radjabu ?

Félix yamaze gushika mu nzara za ka karwi nsesamaraso Petero Nkurunziza arongoye, koko Bujumbura News ibona ko yokwemanga iryo zina ?

Mpe umuco mwiza Bujumbura News nishimikije ijambo ry’Imana. !! Hari umwe mu Batumwa 12 ba YEZU yitwa Petero; uno yaramwihakanye bikomeye bitewe n’iterabwoba. None ? Twovuga ko YEZU mu gukoresha canke gukorana nawe harimwo agafyinyi ? Haba namba. Burya Imana ivyo itwereka vyabaye Kirya gihe n’ukugira itwereke ko ibihe vyose ivyo bizokwamaho iduha n’icirwa kanaka . Agatotezo,ugusonzesha,uguturubika, ukuruha , iterabwoba vyose biratuma uwutarinda yihakana ico azi. YEZU yihakanywe na 2 mu batumwa biwe harimwo uwitwa Yuda w’umuhemu yamudandaje, ariko 10 barabandanije nawe, n’aho bahungabanijwe. Na Petero ,mw’ijoro YEZU yafatwa isake yabitse mu bucagucagu amwihakanye 3. Nticabujije ko amutahura. Félix kwihakana ko atazi kandi ko atasano afitaniye na Radjabu abagumyabanga turamutahura. Abamubajije bisa n’uko bamuteze mu guterera amagara hejuru maze yisamira rwiwe. Bujumbura News n’ivyunve imutahure ariko itere intege cane abo usanga mu rugamba bemanga umurongo bariko .

2. UGUKUBITWA N’UBUTEGETSI BW’I BUJUMBURA.

INYISHU

BUJUMBURA NEWS irazi cane mu biganiro tumaze kugirana nayo ko ata cizere gikomeye twigeze tugira mu biganiro bigitegurwa vya Arusha. Mu bagumyabanga benshi turi kumwe, FELIX yari umwe muri bake cane bemera gutwara ubutumwa i Arusha kandi yarabushikana. Akenshi muri ubwo butumwa ntitwasiba gushiramwo ko Petero Nkurunziza atazopfa aganiriye kandi s’ibanga. Turabivuga kenshi ku maradiyo na Bujumbura News irimwo.

Nta gukubitwa n’ubutegetsi kuri uko gutaha kuko twabifashe ibisanzwe. Ni nk’uko abatugana tubakira ibisanzwe ari naco gituma FELIX n’abandi igihe batwegera tutabishize mu nzandiko no ku maradiyo. Atashe nta kibazo kuko murundi nta n’umutahe wa Petero Nkurunziza afise. Icaha kwari uko gusa akarwi ka PETERO NKURUNZIZA kamufata ko akorana n’umwansi maze kamushirako umutahe kaza kuwumukurako mu ntumbero yo kumuresha. Ugutaha s’icaha, gusa n’uko Petero Nkurunziza aca avyishimikiza ngo abataha babigira kuko hari amahoro. Oya namba,turakurikirana rwose ingene bamwe mu bubatse akarwi kiwe bahogora mu kuresha abataha.

Tumufata nk’uwuriko aratwarwa n’uruzi maze ugasanga ariko arifadikiza ivyatsi akaruhira gutwarwa.

Niyifadikize nyabuna ibiganiro nyavyo kuko arivyo vyonyene vyomurokora. Nivyo dushatse ko Bujumbura News itahura. Nayo ubundi ivyo yise ugukubitwa kwa Radjabu ntavyo twigeze twiyunvamwo. Sangwa Bujumbura News izi ko Ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza buriko buragwana na Radjabu nayo ikaba arbitre imuhanure nyabuna abireke ahangane na kigoyi kiriko kiramara abarundi bitewe n’akajagari yateye mu gihugu.

Honorable Hussein Radjabu

Advertisements

4 commentaires sur “L’Honorable Hussein Radjabu réagit au retour de l’ambassadeur NDAYISENGA Félix en réplique à un article publié sur BUJUMBURA News

  1. Ugutemba ntivyari bibi, ikibi n’uguherayo. Umuntu yoshobora kwihambira ku butegetsi bigashoboka, turafise uburorero. Ariko kw’ihambira kuri iyi si ntibizokunda. Umuntu yorondera rero ibintu vyiza azoraga umuryango wiwe hamwe n’abo yari ajejwe kubera indongonzi, aho kubasiga mu marira ashobora kukubera umuvumu n’abawe. Imana izoduhe kuramba, ikizoba kizobe bene umurango barorera….

    J'aime

  2. Mutama, reka gusesera agatabi uyo munywanyi wawe.
    Azobura ico aguha apfume akuvuga neza.
    Navyo ivyugutwara ico gihugu ntivyoroshe; ngira ngo biterwa n’ubukene buhari.
    Igihe mwagisangira na Nkurunziza, ibintu ntivyera de naho nyene!

    J'aime

  3. Mutama, n’aho nawe utera mu gihe wari urongoye umugambwe, birapfuma ko wamaze kubona ko atawurambira mu makosa. Ndagushimiye ku muco utanze kandi Imana yaduhishije ejo hazoza mugabo ku bizera ni heza. Incungu zamyeho, nayo Nkurunziza ndamusabira kuramba akabona aho bene burundi bakira ubuja yabashizemwo!

    J'aime

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s