Deuxième anniversaire de l’évasion de l’Honorable RADJABU Hussein (lettre)

honorable-radjabu-husseinIMYAKA 2 IRAHEZE TUVUYE MW’IBOHERO RYA MPIMBA. DUSHIME TWONGERE TWISHURE BENE WACU BATANDUKANYE BATUBAJIJE BAKANASHAKA GUTOMOKERWA KU BIBAZO BIMWE BIMWE.

Ncuti bavandimwe, itariKi ya 1 Ntwarante 2017 n’umusi udasanzwe kuri twebwe no kuri abo bose batwamye hafi mu myaka hafi munani Petero Nkurunziza yatumajije mu nvuto ata caha na kimwe uretse ibiharuro bihagaze ku mwina wo kuzotwara abanje kuvuguruza ibwirizwa shingiro ata camira.

Aha muri aya mayarwa nyene twashaka twishure ibibazo twashikirijwe biri mu cegeranyo twahawe n’abatunganya ivy’amakuru ku muhora wa page na Facebook « PARTI CNDD-FDD « .

Muradutunga kukugene ico gikorwa kitakurikije isango ryatanzwe. Ibigora bigora abagabo,vyatumwe n’invo zitatuvuye ko zihagaze kuri gahunda z’imibonano twahawe itari itegekanijwe kuri uno musi.

Bamwe twagerageje kubishura mu butumwa bwo mw’ibanga nk’uko bavyipfuje n’aho tutarashikira abatari bake . Abandi nabo turabishura aha nyene muri ca kigabane tugire ico dushikirije irico « commentaires « Nk’uko twabisabwe duhera ku bibazo bisa tuza gushikirizwa n’abanditsi b’imihora ya page na Facebook ya « PARTI CNDD-FDD « .

Turashimiye abadukeje bose;tubasabiye imihezagiro y’uwuhoraho.

AREMA NZIZA KU NCUTI ZATANGUYE AMAPFUNGO UYU MUSI.

Murakoze

Honorable RADJABU Hussein

Advertisements

Un commentaire sur “Deuxième anniversaire de l’évasion de l’Honorable RADJABU Hussein (lettre)

  1. Mr Radjabu, reka kwihagararako kuko uracarico bita Prisonier en cavale, vyiza wogaruka ukamara igihano cawe, hama ukarekurwa biciye mumategeko, ngo uwutariye aba yibikiye. rero nawe igice cumunyororo cari gisigaye kirakurindiriye

    J'aime

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s