Ivyavuzwe mu kiganiro NZOMUKUNDA Alice yakoranye na CIRAMUNDA Richard kuri RBI

ciramunda-nzomukunda-emission-rbi-22012017-121748CNARED NTIKIRI URUNANI, AHUBWO HARI ABAYIHINDUYE AKIBARE KABO, ARICO GITUMA IDATERA INTAMBWE !

Intenderi yaraye isheshe umuti mu cahora citwa urunani CNARED, aho umupfasoni NZOMUKUNDA Alice, atavugira umuvumbi kumuvumba yaraye ameneye inda ku rukumu, akibira ibanga abarundi icatumye urwo runani rwari rufise inguvu aho hambere, ubu rusigaye rudihirira aho rwicaye nk’umubindi watobotse !

Ivyo uwo mupfasoni yaraye abishikirije mu kiganiro yagiranye na Radio BUJUMBURA Internationale, ihagarikiwe n’umunyamakuru CIRAMUNDA Richard. Ikiyago cari gihagaze ku mubonano yari yitavye hamwe n’abandi,wabahuza n’umuhuza w’abarundi MKAPA Benjamin,

Yabanje kwibutsa ingingo nkuru nkuru zigize urupapuro rw’inzira, umuhuza yabahaye,kuvyokwigwa mu biganiro nyezina, bizoba muri uku kwa ruhuhuma kuza,navyo bikaba ari:

1.UMUTEKANO,
2.UKWUBAHIRIZA AMATEGEKO N’UKUGWANYA UKUDAHANA,
3.AMASEZERANO YA ARUSHA,
4.IBWIRIZWA SHINGIRO,
5.UGUKOMEZA UBUMWE N’UKWISANZURA MU ABANYEPORITIKE,
6.IKIBAZO C’IMPUNZI,
7.IBIJANYE N’UBUTUNZI,
8.IMIGENDERANIRE HAGATI Y’UBURUNDI N’IBIHUGU BIBANYI,

IKIBAZO CA MBERE YABAJIJWE YUKO YOBA YARASABWE KW’INJIRA MURI RETA RUSANGI :

Akaba yishuye ko ari ibinyoma vyigendera, akaba amarementanya, kuko umuhuza muvyo yabashikirije, ata nahamwe harimwo ivya reta rusangi,kanatsinda sivyo bibaraje ishinga(ivyo kuja mu nzego), kuko bobo bipfuza kubona abarundi basubiye muzabo (impunzi), abapfunzwe bakarekurwa, amahoro agasasagara, umurundi wese agakora umurimo wiwe ataco yikanga co mugirira nabi.

Nayo abo bakwiragiza ibihuha, bakaba babikoze mu nzira y’ugucafuza abandi, uguteranya abarundi n’ukwambika ibara abandi, kandi bakabikora nkana.

Akaba yaciye adoma urutoke ku wuvyinyegeje inyuma,nawe akaba ari umushingantahe CIMPAYE Pancrace, aho we yumvise ibiganiro, yumva AMAGABURANYAMA, kuko aca yibuka umwaka w’amasezerano ya ARUSHA ya mbere, ivyo yahayoraguye, nka kumwe « UMUTINDI AROTA ICO ABABAYE ».

Umupfasoni NZOMUKUNDA Alice, akaba yasavye abarundi kuhabera maso na magabo, ku bantu nkabo bagenzwa n’urunwarunwa, biyita abanyepolitike, kuko ataco bamarira abarundi kiretse kubahuvya n’ukubatakaza, iyo ngendo igayitse yabo igashobora n’uguta igihugu mu manga. Abarundi bakaba bakwiye kubiyama n’ukubiyamiriza,bishobotse banabagwanye !

IKIBAZO CA KABIRI,YABAJIJWE KU KIJANYE N’IBIHANO CNARED IVUGA KO IZOBAFATIRA KUKO BITAVYE IBIGANIRO:

Kuri ico kibazo yabanje kubeshuza inkuru zavuga ko ingingo yo kwiyamiriza umuhuza yafashwe na CNARED, haba namba,ntiyafashwe na bose. Yamenyesheje ko inyuma y’aho bumviye ivyashikirijwe n’umuhuza MKAPA i Bujumbura, baciye basaba ko boja hamwe mu kwihweza iyo mvugo, maze bagire n’ico bapfunditse, yamara abagize urwego nyobozi rwa CNARED bica amatwi, mu nyuma basohora urwandiko rwiyamiriza umuhuza babicishije ku MBUGA NGURUKANABUMENYI, abandi bose bagwa mu gahundwe.

Bukeye kabiri, baza bumva ngo yabaye ingingo ntabanduka, ko umuhuza ategerezwa guhindurwa,atari ivyo batazitaba ibikorwa vyose azotunganya. Ariko ivyo bikaba vyakozwe n’akagwi k’abantu bagize urwego nyobozi ,batagiye inama n’ingingo n’abandi, bitwaje ko hari aboba babahanuriye ku materefone ngo bafate iyo ngingo, kuko yabise abasazi !

Umupfasoni NZOMUKUNDA arabeshuza ko umuhuza MKAPA atabise abasazi namba, kuko hari abasiguye ijambo yavugiye i BUJUMBURA bafise izindi nyungu z’ibanga babifisemwo. Ati: »Tumugeze imbere,mu mubonano uheruka, yaradusubiriyemwo insiguro yarirya jambo yavugiye i Bujumbura ! « 

Umuhuza yagize ati: »ABIYUMVIRA, BAKANIBWIRA KO JEWE MKAPA, ARI JEWE NEMEZA IKIRINGO CA 3 CA NKURUNZIZA, NI ABAKEHABWENGE (ABASAZI), NYABUNA ABACEMEJE NI ABANYAGIHUGU BEMEYE KUJA MU MATORA (HABA KU NEZA CANKE KU NGUVU) HAMWE N’IBIHUGU VYAMURUNGIKIYE ABABISERUKIRA, KUKO ARIWE BASHIKIRIZA AMAKETE ABAGENA, BAKAYAMUHA NK’UMUKURU W’IGIHUGU ! »

Uwu mupfasoni ati: »Vyongeye,umuntu akwise umusazi utariwe,ntuca umuba, kandi ivyo vyokwanka umuhuza ngo yise aba n’abariya abasazi, vyabaye icitwazo,hari ibindi vyari vyinyegeje inyuma ! »

Ivyo binyegezwa akaba yabishize ahabona. Aho yamenyesheje ko hari akagwi (ako nyene gafatira ingingo mu gifuri), karahiye kararengwa ko kadatumiwe gakwiye kwose, katazigera kitaba. Uko kudatumirwa rero kukaba kuva ku kuba bamwe badafise imigambwe abandi nabo bafise imitahe ibarondera. Bagaca bashaka kuzibira abandi ngo ntibitabe kandi ibiganiro ariwo muti wotuma abarundi bava mu kaga barimwo. Ati: » kutitaba umuhuza ,ntibifasha abarundi guhunguka, ntibirekura abapfunzwe, ntibinagarukira ku bishwe na kigoyi ! »

Yaciye abaza abo banka ibiganiro ati « IYO ABA ARI MWEBWE MUPFUNZWE,MUGOREWE MU MAKAMBI Y’IMPUNZI, MWISHWE NA KIGOYI MU GIHUGU, UBWO MWARI KUBA MUSABA NGO UMUHUZA ADAHINDUWE NTIMUZOGANIRA ? »

Ati: »NONEHO,IZO NGINGO Z’AKO KAGWI GATWARIRA CNARED MU KWAHA, ABARUNDI NTA RUHARA BAZIGIRAMWO, KUKO NTAMURUNDI YOSABA KO IBIGANIRO BIHAGARARA KU MVO NK’IZO ZIDAFASHE, KANDI YIGOREWE MU BUZIMA ARIMWO ! »

Umupfasoni NZOMUKUNDA Alice, yaciye agaruka kuri NYENDAMUVANO WA NDYOGO, ariwe CIMPAYE PANCRACE, ko igituma atukana n’uwo abonye wese avuze ibiganiro, ari ubwoba afise,  kuko yibaza ko amahirwe yo kuvyitaba agiye kumuca mu myanya y’intoke, kuko KUVA KU MUSI WA GATATU, IGENEKEREZO RYA 25/01/2017, INZEGO ZA CNARED ZIHARI, ZIZOBA ZARANGIJE IKIRINGO CAZO, CIMPAYE rero akaba yari yaharuye ko batumiye urunani CNARED,  YOHANI MINANI, yari kumwitwaza nk’umuvugizi wa CNARED, maze nawe akaja mu baronka ivyicaro, ubona ko arivyo vyamutwaye umutwe n’umutima !

ALICE NZOMUKUNDA ati: »NONEHO NIBATEKANE,NTIBIGERA BATUMIRA URUNANI CNARED, AHUBWO BATUMIRA IMIGAMBWE IRUGIZE ! »

KU BIHANO BIVUGWA YAGIZE ATI:

« Amategeko ya CNARED aratomoye, kuko umugambwe wose uri muri urwo runani, ufise uko wari usanzwe witunganyije imbere y’ukuja muri urwo runani. Iyo migambwe ikaba igendera ku vyiyumviro vy’abanywanyi bayo, ivyo vyiyumviro akaba arivyo bisabikanywa muri CNARED ku gusenyera ku mugozi umwe no ku neza y’abarundi bose. Kuba rero hari uwitavye ibiganiro yabisabwe n’abanywanyi biwe, nta kosha aragakora, kuko umugambwe wose urigenga ».

Aca atanga akarorero ko mu runani ADC-IKIBIRI ,aho bari bumvikanye ivyo gutanga intonde zimwe (mu nzego zose) mu mwaka wa 2010, yamara umugambwe MSD wa SINDUHIJE ALEXIS , ku munota wa nyuma urabivamwo, kuko abanywanyi bawo batari babishimye, kandi mu runani bari babisinyiye. N’ubu rero ntivyari biteye ubwoba aho umwe wese yitunganya uko abanywanyi biwe babimusaba.

Ati: »ARIKO IKIVYONONA VYOSE, NI UKWO KUTAJA INAMA N’INGINGO, AHUBWO HABA UGUFATA INGINGO KW’AKAGWI GATO K’ABANTU MURI CNARED ! « 

Kuba hari abadatumirwa mu biganiro kubera imitahe ibarondera naho, bakwiye kurabira akarorero ku munyeporitike wo mugihugu ca CONGO yitwa MOÌSE_KATUMBI, aho atatumiwe mu biganiro, ariko agasaba abandi ko bobijamwo,amahoro akaboneka mu gihugu, ivyiwe bikazokwigwa mu nyuma, ariko abarundi yumva ko atagiye zoba zinyazwe, uko kukaba atari ugukunda abenegihugu !

Umupfasoni NZOMUKUNDA ALICE, yarangije avuga ko ibihano bivugwa ari iterabwoba ry’ako kagwi, akibutsa ko atari nabwo bwa mbere abanyamigambwe bo muri CNARED bitavye ibiganiro, hakavugwa ibihano, ariko ntihagire ibifatwa. Akamenyesha ko n’abari batewe ubwoba n’ako kagwi, bagasiba ku munota wa nyuma, ibiganiro bizokurikira, bazitaba bose, kuko basanze hari izindi nyungu ako kagwi kanyegeje mu kutitaba ibiganiro !

BIFASHWE NAHO (IBIHANO), KUZOBA ARI UGUSHAKA GUSAMBURA URUNANI CNARED KW’INDONGOZI ZARI ZIMAZE KURANGIZA IKIRINGO CAZO C’UBURONGOZI,KUKITWA UGUTEMBANA ABANTU !

Umunwanyi wa RBI

Publicités

Un commentaire sur “Ivyavuzwe mu kiganiro NZOMUKUNDA Alice yakoranye na CIRAMUNDA Richard kuri RBI

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s