Des mouvements politico-militaires se désolidarisent du général NIYOMBARE (communiqué)

Burundi Political TensionsItangazo rigira 2 ry’umuhari MPL-Indarangavye

Umuhari MPL-Indarangavye (Mouvement Populaire de Libération) uramenyesheje Abarundi n’amakungu ibi bikurikira:

1. Umwaka urigoroye twifatanije n’umuhari FOREBU twitwa ngo turi k’urugamba rwo kugarukira demokrasi, ariko bikaba vyahereye mu majambo gusa kubera aho gutunganya urugamba, abarongoye FOREBU bagumye bashira imbere inda zabo n’ubwibone baniganira ibibanza n’amaronko.

2. Ivyo vyatumye:

2.1. Ukwiyonkora kw’amashami nka FORNABU.

2.2. Ugucanamwo gushika naho umushingantahe Hussein Radjabu na Eduard Nshimirimana bihakana Général-Major Godefroid Niyombare k’uwa 19 Myandagaro 2016.

2.3. Ikuramwo ry’akarenge ry’umuhari RED-Tabara kandi basa n’abariko barakorana.

2.4. Ukujuragirika kw’ingabo za FOREBU.

3. Uwurongoye urwego rwa poritike rwa Forebu ya Général-Major Godefroid Niyombare ni umwe abarundi n’amakungu bamye bumva yitwa Hilaire Ntakiyica ari mu bagirizwa kugandagura incungu ya demokrasi, Nyenicubahiro Prezida Melchior Ndadaye.

Umuhari MPL ntiwoba uriko urwanira iteka ry’Uburundi n’Abarundi ngo wifatanye n’ababahekuye.

Kubera izo mvo, urwego nshingwabikorwa rufashe ingingo zikurikira:

Ubwa 1: Umuhari MPL uravavanuye na FOREBU irongowe na Général-Major Godefroid Niyombare.

Ubwa 2: Umushingantahe Modeste Bucumi yahora aserukira MPL muri FOREBU aravanywe muri ayo mabanga.

Ubwa 3: Turateye akamo ingabo za Forebu zasanzaye, n’izindi zose zafashe umuheto, kwifatanya n’umuhari MPL kugira dukomeze urugamba rutagira agatosi nk’uko wavyiyemeje mw’itangazo ryawo rya mbere ryo k’uwa 24 Gitugutu 2016, kuko bigaragara ko Nkurunziza aterekwa inzira y’ibiganiro.

Bigiriwe i Bujumbura, igenekerezo rya 26 Munyonyo 2016.

Kubw’umuhari MPL-Indarangavye,

Général-Major Jimmy-Cobra WAGENZE,
Icegera c’umukuru w’umuhari MPL-Indarangavye, akaba n’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare.

Email: mplindarangavye@gmail.com

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s