Umugambi wa genocide ku batavuga rumwe na reta ntibikiri ibinyegezwa (Ndereyimana Emmanuel)

15135906_10206174086106202_4994594433024736748_nUMUGAMBI WA GÉNOCIDE KU BATAVUGA RUMWE NA RETA YA NKURUNZIZA MU BURUNDI NTIBIKIRI IBINYEGEZWA.

Ntibikiri agaseseshwarumuri, imyiteguro ya nyuma ku misore n’inkumi b’Imbonerakure bigishijwe kuzoshira mu ngiro iryo shano yaraye isozerewe kur’uyu wagatandatu igenekerezo rya 16 Munyonyo 2016 mu gihugi cose,  mu co abategetsi b’umugambwe Cndd-fdd Abagumyabanga bise umusi mukuru w’umugwanyi.

Umuntu yiheje neza amafoto na vidéos z’imyimenyerezo yitiriwe défilé y’abahoze ku rugamba,  biribonekeza ko ukwitwaza amahiri n’inkoho bitwibutsa neza uko iyo myimenyerezo yatanguye yo guhonya abatutsi mu gihugu kibanyi c’urwanda  abantu bose co kimwe n’amakungu barorera, bakibaza ngo ntaco bizoshikako. Bukeye kabiri, ivyashikiye abatutsi bo mu Rwanda (Genocide), ntanumwe atabizi. Mu Burundi rero ibimenyetso vyose biramaze kuja ahabona. Ejo bundi mu vyo twabashikiriza, twarabereka neza ido n’ido uko uyo mugambi wateguwe kuva kera na NKURUNZIZA be n’akagwi kiwe bariko barabitegura. Nubu reka tubibutse bimwe mu bimenyetso bija kuri Genocide mu Burundi:

1. Umugambi SAFISHA => Umugambi wiyumviriwe na NKURUNZIZA ubwiwe, Wo guhonya abantu bose batavuga rumwe na Reta ya NKURUNZIZA bo mu migambwe yose na cane cane abanywanyi b’abahutu  bo mri FNL ya Rwasa Agathon. Contra RWASA na NKURUNZIZA bagiraniye kuri uyo mugambi tuzoyishira ahabona vuba. Aho rero n’abatutsi bo muri MSD ntibarusimvye barishwe ku bwinshi. Abashize umugambi SAFISHA mu ngiro yari aba polisi bamwe bamwe n’imbonerakure zagiriye imyimenyerezo ahitwa KILIBA ONDES muri Congo. Ivyakurikiye murabizi ko imiryango yamana agafuni ko guhamba igihe cose.

2. Umugambi KORA => Umugambi wiyumviriwe na Reverien NDIKURIYO ( Président du Senat). Uyo mugambi mwese murabizi ko ugamije guhonya abatutsi bose baba mu ma quartiers yose Reta ya NKURUNZIZA yise ngo ni ama quartiers avamwo za Mujeri ( Imbwa zisara), ko ari ukuzica zose. Abo ba Mujeri yavuga ntawutazi ko yavuga guhonya abatutsi. Rêverien we agaca avuga ko nimwaheza igioorwa impembo izoba ari ukwigarurira ama parcelles y’abagandaguwe. Ivyo yabivugiye ahero atihishije mu nama y’abo yariko arahimiriza kuja gutegura no gushira mu ngiro uyo mugambi w’ihonyabwoko – Genocide y’abatutsi biswe ba Mujeri na NKURUNZIZA.

3. Igenwa rya Général Evariste ngo arongore aramutswe Umugambwe cndd-fdd ryaje hageze mu ntumbero yo gutegura neza zirya mbonerakure mwaraye mubonye zitwaza amahiri n’inkoho. Imyiteguro nk’iyo Nyabenda yahoze atwara uyo mugambwe ntayo yari gushobora kuko asanzwe ari umu civil. Ngira namwe mwaraye mubonye ko Evariste ashoboye neza gutegura umugwi w’abicanyi bazoheraheza umugambi KORA wiyumviriwe na Reverien arongoye Senat y’uburundi.

4. Umugambi wiswe KAMWE KAMWE => Uyo mugambi ugamije kwica abasirikare bo mu bwoko bw’abatutsi. Uyo mugambi ukaba ushigwa mu ngiro n’uwurongoye iperereza SNR  ariwe Étienne NTAKIRUTIMANA batazira  Stive. Yahora abifashwamwo na Brigade Anti Émeutes Yahora Irongowe na Désiré UWAMAHORO ubu abarizwa mw’ibohero ku mpamvu zuko yanyaze amafaranga menshi abagwizatunga b’abanyamahanga araheza ntiyahako shebuja NKURUNZIZA. Uyo mugambi ukaba ugeze kure kuko hamaze kugandagurwa abasirikare benshi bahoze mu gisirikare ca kera EX – FAB. Ubu hakaba hariho ababohewe mu busho bw’Iperereza bashobora kwica umwanya uwariwo wose, harimwo Col DUSHIMAGIJE Dieudinné G2 icegera c’uwujejwe iperereza mu gisoda.  Ivyo vyose vyateguwe kugira ngo umugambi nyamukuru KORA ugamije guhonya abatutsi ku bwinshi niwaja kuri phase finale,  abatutsi bazoba bariko baricwa ku bwinshi babure gitabara. Aho Genocide izoba ishizwe mu ngiro ukuri kwamye atacamira.

5. Umugambi Wo kugura abatutsi b’abashingamateka n’Abashikiranganji be n’abandi bategetsi ku nzego zose, kubaha amaronko akwiye kugira ngo bagume bemanga mu Burundi no mu makungu ko atahonyabwoko rishoboka mu Burundi. Aho rero na Reta y’ibujumbura igica isimbira kw’isunzu ry’inzu ngo n’abatutsi bari mu ntwaro baravyivugira ko Genocide idashoboka. Ukwo rero kukaba ari ugushaka ko abajejwe kwihweza itegurwa rya Genocide kw’isi bacika intege ngo n’abategetsi b’abahutsi baravyiyamiriza.

6. Kwinjiza ku bwinshi imbonerakure mu gisirikare n’igipolisi. Na vya biharuro bisabwa n’amasezerano ya Arusha ntakurikizwe ku ruyeri kurwenge. Bigasaba ko binjiza abahutu mu bibanza vy’abatutsi n’abatwa kugira binjize imbonerakure z’abahutu 100%. Ariko mu mpapuro handitse ko binjije bisunze amasezerano ya Arusha.

Muguheraheza twobamenyesha ko umugambi w’ihonyabwoko ry’abatavuga rumwe na Reta ryateguwe kandi rigiye kuja mu ngiro vuba. Abahutu NKURUNZIZA yarishe benshi barengeye abahutu bagandaguwe ku zindi ntwaro zihitiye mu Burundi. Yabikoze atacamira mu mugambi SAFISHA. Ubu mwaraye mubonye ko  Imbonerakure zirindiriye gusa ifirimbi yanyuma ngo baheraheze umugambi KORA mu guhonya abatutsi.

Abarundi turakwiye kujahamwe abahutu n’abatutsi n’abatwa,  tugahagurukira rimwe,  tugashira inguvu zose zishoboka hamwe kugira ngo duhagarike iherahezwa ry’uyo mugambi ugayitse w’ihonyabwoko. Ejo ntituze twite ko umwikomo ngo : IYO TUMENYA. Iyo menya iza kenshi akaba kabaye. Ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu gihugu kibanyi c’Urwanda ritubere icigwa ntidushake kuzoyora twaramaze gusesa.

IBUYE RISERUTSE NTIRYIC’ISUKA. Ntihagire uwishira  mu mutwe ngo amahanga azotabara, turavyishoboreye. Bisaba ko tuja hamwe tukikura umwansi kw’izosi.

Izombonerakure nazo nozimbwira ko ziriko zirahendwa. Barabaza abahenzwe nkuko mu Rwanda vyagenze ngo bashire mu ngiro umugambi wa Genocide.  Bamwe barafunzwe hirya no hino kw’isi,  abandi baguma bafatwa iyo bahungiye hose,  benshi barangaye babarizwa mu mashamba ya Congo bapfuye bangara nka Gahini. Va ibuzimu rero muje ibuntu muracafise akanya ko kuvavanura n’abo babahenda ku nyungu zabo. Imiryango yabo baramaze kuyihungisha babarizwa iburaya. Ejo aho bukera bazofata indege bahunge babasige mu kangaratete.

BIBWIRWA BENSHI BIKUMVA BENEVYO !

Ndereyimana Emmanuel

2 réflexions sur “Umugambi wa genocide ku batavuga rumwe na reta ntibikiri ibinyegezwa (Ndereyimana Emmanuel)

  1. umurundi wo muri 1972 n’ubu si bamwe. ntimuzosubire kwama mushaka kwimira kumivyimba. iryi honyabwoko muririmba niryo gusabisha imfashanyo ngo mutere igihugu. Abarundi dufatanye munda nimwatera tuzivuna.

    J'aime

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s