Communiqué des membres de l’UPD-ZIGAMIBANGA en exil

12042699_1656589777899178_5982458786638700035_nBazigamibanga, Bagenderakaranga namwe Murikizi, Zigamibanga.

Kuri uwu musi uri hejuru,dushimye kugira ico dushikirije kw’itangazo ryasomwe n’umukuru w’umugambwe w’icubahiro (Président d’honneur), umuzigamibanga Chauvineau Mugwengezo, nk’abarundi bari mu buhungiro, ariko na cane cane ko turi abazigamibanga.

Iryo tangazo bamwe ntiryadutangaje,tumaze kwumva ko yongeyeko ko umugambwe awusubije mu runani CNARED,kandi twebwe ABAZIGAMIBANGA twari twasavye kuva muri CNARED. ,twaciye tumenya ko umugambi wari uhasanzwe ariwo ugiye mu ngiro.

ABAZIGAMIBANGA nitwe twisabiye indongozi ko bokura umugambwe wacu UPD Zigamibanga mu runani CNARED,kuko Urwo runani ata ntumbero irashe rufise mu rugamba rwo guhangana n’ubutegetsi nsesamaraso,uretse kwama banyinyanira ibibanza bibafasha guseruka mu biganiro,vyo bakamishamwo amaryo y’inda zabo.

Chauvineau Mugwengezo aherutse kwiyimikira kuri radio RPA mu kiganiro HUMURA BURUNDI,ariko akaba yarihenze cane kuko UMUGAMBWE UPD ZIGAMIBANGA si uwo umuntu ku giti ciwe ,awutwara ahashatse ,umugambwe ni uwa twese abazigamibanga, yarikubanza kutubaza no gukoranya inzego z’umugambwe ziserukira umugambwe mu ma commune, mu ntara no mu gihugu cose.

Naho ibihe igihugu kirimwo bugiye, turafise benewacu dusangiye igihugu n »umugambwe UPD ZIGAMIBANGA ,baba abari mu bihugu vya Buraya,Amerika n’ahandi(diaspora),eka n’aho  Chauvineau aherereye ABAZIGAMIBANGA bakaba  bahari ,yari kubakoranya, bagatorera hamwe inyishu nziza kuri utwo tubazo avuga ko turi mu mugambwe wacu UPD Zigamibanga ,vyongeye, uwu mwanya ni uwo guhangana na Nkurunziza,si uwo guhangana ku bapfa ivyicaro nk’uko Chauvineau Mugwengezo ariko arabigenza.

Chauvineau mugwengezo mu guhonyanga amategeko y »umugambwe UPD Zigamibanga,akaba yadukanye  ikibanza c’icegera c »umukuru w’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA (vice-Président ) kandi kidategekanywa n’amategeko y’umugambwe, ariko kubwa Chauvineau Mugwengezo akaba yagishizeho atabajije ABAZIGAMIBANGA.

Chauvineau Mugwengezo kubwo kubura abamufata mu mugongo muri ukwo kunyerera kwiwe,akaba yahisemwo kugena umuntu atari n »umuzigamibanga ,ata n’ikibanza yarafise mu mugambwe ,azwi nk’umuvugishwamana,yitwa Salum Bagoribarira,ngo abe icegera ciwe.

Twisunze urwandiko Chauvineau Mugwengezo yaheruka  kwandika avuga ko yiteguye, akanategura ibisabwa, kugira aje ARUSHA mu biganiro ,maze umugambwe ugahitamwo Abandi Bazigamibanga bawuserukira mu biganiro , biraboneka neza ko ariko aronderera inda yiwe mu kwisabira ku nguvu ko nawe yoza araja mubiganiro nk’abandi,yirengagije uko umugambwe utunganyijwe,ukaba utagendera kuri ndashaka y’umuntu ku gatwe kiwe.

Mugusozera ABAZIGAMIBANGA bari mu buhungiro,  turateye intege ABAZIGAMIBANGA bose, aho baherereye kw’isi yose, tubibutsa ko umugambwe ari uwacu, ni twebwe tuwushikiriza indongozi twizeye ,nayo kuwusenyra na NKURUNZIZA yarananiwe kuwudutwara,a raheba arawudusubiza ,Chauvineau Mugwengezo yipfuje kuwugira Nyakuri maze awushire JEAN MINANI ariwe (sokuru wa Nyakuri ) muri CNARED ariko ntibizokunda na gato.

Ntabwo asambuye izina UPD ZIGAMIBANGA,a hubwo adambuye ijunja ryari rizwi kw’izina CHAUVINEAU MUGWENGEZO.

Mugire aho muba mwubahwe,

ZIGAMIBANGA .

MURAKOZE.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s