A 5 ans, NKURUNZIZA a choisi entre vivre ou devenir fou (Emmanuel NDEREYIMANA)

nkurunziza-10102016-125735NKURUNZIZA ATI : UMUTI NAHAWE N’UMUPFUMU WAMPITISHAMWO IBINTU BIBIRI, ARIVYO GUPFA CANKE GUSARA. ATI NARARUSIMVYE, UBU RERO ND’UMUSAZI.

Ba sogokuru bati : Ukuri gushirira mu kuyaga.

Ibibazo bihanze uburundi vyaravuzwe ko vyinshi kandi nubu abavuga basemerera bati : Nyabuna nyabuna geza aho, baracasemerera ariko womengo ababwirwa siho bari. Ariko tuje dufashanya gutahura igituma babwirwa ntibumve. Kw’isonga ry’abatware mu Burundi hari umusazi nkuko yavyivugiye atabicishije ku muvugizi numwe.  Nkurunziza Pierre yaremanze we nyene ati : « …….Umuti nahawe n’Umupfumu w’aruwo guhitamwo gupfa canke gusara……yawuncishije mu mazuru, ndaheza ndasamura birenze urugero…..ati murabona ko ntapfuye rero… ».  Bisigura ko muri kwa guhitamwo Gupfa canke gusara, namwe murabona neza ko atapfuye akiriho. Ubu rero n’Umusazi yibereye aho arongoye igihugu c’Uburundi.

Ibibazo vy ‘umurengera vyaradutse mu gihugu, bamwe bakabura ayo bacira nayo bamira kuko baraba uko igihugu gitwawe, ntibatahure ko mu vyukuri cotwarwa ukuraho nimba abakiyoboye ar’abantu bafise umutwe n’amaguru. Nkurunziza amaze kubona ko aremerewe no kwama yakebuwe ku ma dossiers atari make mu mpande zose z’ubuzima bw’Igihugu, yahisemwo kwigizayo abo bose bavuga canke badoma urutoke ku bitagenda neza. Niho kwaduka yangaza abanyepolitike, abarongoye amashirahamwe atarondera inyungu za politike, abomufashije gutunganya ivy’igihugu bamwegereye nabo nyene ntiyabageze umutwe. Ivyo rero vyatanguye kera, bigiye kwunyuka aho afatiye ingingo yo kwiyongera ikiringo ca gatatu arinze guhonyanga amategeko agenga igihugu co kimwe n’amasezerano ya Arusha. Ivyo vyatumye ahitamwo gukorana n’abo abona ko boba bavyumva kumwe, biyumvira nkawe…..mu nca make ahitamwo gukorana n’abasazi nkawe. Nakare barayamaze bati : Ibisa birajana.

Abo bavyumva kumwe boba basara nka Nkurunziza, boba ari bande ?

Yabatoye mu mice yose y’ ubuzima bw ‘Igihugu ( abo twokwita abasavyi canke abagabo niryo) maze arabiyegereza. Nabo ntibatevye kwimenyekanisha mu kwerekana ko basara koko babicishije mu bikorwa canke amajambo aturira. Uwa mbere muramwibuka neza mu majambo y’amateshwa aturira yama yavuze atary’umunwa maze akayashimangira  n’amanyama menshi yishimikije akajambo kavuga ngo : NDASUBIRAMWO ; Akaba azwi kw’izina rya Gélase Ndabirabe. Ibitutsi biva mu kanwa kiwe aho yaranzwe cane cane no kwifatira mu gahanga Président w’igihugu kibanyi c’Urwada, abatware bo mu bihugu vy’ Ububirigi, Ubufaransa na Amerika,  nta n’umwungere n’umwe tuzi abishoboye. Uwundi nawe yashoboye kuguma hafi ya nyakwubahwa Musazi, nawe yaranzwe cane no gusigurira abarundi n’amakungu ngo :

SI MU BURUNDI HONYENE ABANTU BAPFA, NO MURI ZA AMERIKA NA ZA BURAYA,  AFRIKA Y’EPFO ABANTU BAMA BAPFUYE NTA GITANGAJE RERO IYO MU BURUNDI DUKUYEMWO BAKE. Uyo nawe akaba yashinzwe amabanga yo kuba umuvugizi wa Reta ya Nyakwubahwa Musazi. Uyo  yitwa NZOBONARIBA Filipo.

Uwundi nawe yaranzwe no gusohora imitahe yo guhagarika, gukingira ikibaba imigwi yateguwe na Reta yo Kwica,  gufatwa no gufunga uyo wese atavuga rumwe na shebuja Musazi akaba ari BAGORIKUNDA Valentin yishimikije kuba yari Procureur wa Republika y’Uburundi.  Uwitwa NYAMITWE Willy nawe muri vyinshi yama yanditse canke avuga, icamuranze cane kwabaye ukwemanga ko abafasha uburundi bashatse boreka, ngo Uburundi burikwije, tutibagiye kuba azi gucacanya mu mvugo yegeka abishwe n’Imbonerakure, Interahamwe na Police ko bicwa n’abatavuga rumwe na Reta. Ubu abagize reta baripfuza no gutora kw’Iyarara bakabibura.  Aho rero mwenewabo Alain NYAMITWE amaze imisi aca aho mwenewabo yaciye, ataka atakamba ati nyabuna nyabuna nduhe imfashanyo tugeze ahatemba. Ariko nawe akibagira ko akoreshesjwe na shebuja Musazi, yasimbiye kw’isunzu ry’inzu ati : Naho inkende yomera umushatsi mu kiganza nta batavuga rumwe na Reta y’Uburundi tuzopfa twicaranye ngo tuvugane ibigoye igihugu, maze tubitorere umuti.

Kur’urwo rutonde rw’abishikira mu gushira mu ngiro ivyiyumviro n’ivyipfuzo vya Nyakwubahwa Musazi, haca haza umukuru w’Inama Nshingamateka ariwe Reverien NDIKURIYO, aho yahamagarira imbonerakure mu mugambi mubi ugayitse yise « KORA «. Bisigura ko botemagura ku bwinshi abagwiriye mu ma quartiers bita ngo nibo batanguje imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Nyakwubahwa Musazi maze ngo baze bigarurire ama parcelles y’abo bagandaguye nk’Impembo.  Hagaca haba rero na ba rwica ruhoze, bo bajejwe kwica ku musi ku musi bakoresheje imigwi yo kwica igizwe n’Imbonerakure zifadikanije n’Interahamwe. Bakuru bakuru muribo ni NDIRAKOBUCA Gervais alias NDAKUGARIKA (Umuyobozi mwishikira mu biro vy’umukuru w’Igihugu ajejwe ibibabazo vya police),  Alain Guillaume BUNYONI (Umushikiranganji ajejwe umutekano w’abanyagihug), Godefroid BIZIMANA (Icegera c’umuyobozi mukuru wa Police), Etienne NTAKIRUTIMANA alias Stive (Ajejwe Iperereza SNR), BAREKEBAVUGE Alexis na NTARUTIMANA Joseph    (abizigigwa mu manyanga yose ya président Musazi), NDUWIMANA  Édouard (kabuhariwe ku mugambi wo gucagagura mwo imigambwe za nyakuri). Abandi bose bavugwa, nka ba UWAMAHORO Désiré, NTIRAMPEBA Agricole alias Mwamba, NIYONZIMA Joseph alias KAZUNGU, Alfred Innocent MUSEREMU ( Commandant PSR)  etc…….bakorera ku mategeko bahabwa n’abo ba  Généraux.

Mu nca make, umuntu yihweje neza amahano abo bagabo bari kw’Isonga ry’igihugu  bamaze gukorera uburundi n’abarundi, imikomo n’akagaye bamaze kwerekana mu kwerurira bimwe bibishe abatware bo mu bihugu bibanyi be n’abo mu bihugu vya Bulaya na Amerika ( ivyavugigwa mu myiyerekano yo kwiyamiriza ingingo HRC33 y’ Ishirahamwe rya Buraya yugururira amarembo abajejwe amatohoza ku mabibi abategetsi bakoreye abanyagihugu,  guhimiriza abanyagihugu ngo barire batakubiswe n’ibindi), aho ntagukekeranya, igihugu gitwagwa n’abasazi bayoboka umusazi mukuru ariwe NKURUNZIZA Pierre nkuko yavyivugiye wenyene ko ubusazi bwiwe bukomoka kumuti yahawe n’umupfumu. Uyo muti ukaba wamuhitishamwo Gupfa canke Gusara. Ubwo rero nta numwe atotegera ko kuba atapfuye, hasigaye ubusazi muriwe. Akaba nawe yaragerageje gutororokanya abasazi nkawe mu kumufasha gusara ngo batwara igihugu.  Burya rero hariho abayamaze ngo : Umusazi aratinya ikambi ya Gisirikare, ni muri iyo ntumbero isango ryo ku wa 08/10/2016 ryo kuja gusomborotsa igihugu kibanyi c’Urwanda mu gukora ibikorwa rusangi ku gasozi Sabanerwa vyasivye. Burya Umusazi akinda azi imisozi, Nkurunziza n’akagwi k’abasazi bagipfukamye munda baratinye kwigerezako.

Emmamuel NDEREYIMANA

4 réflexions sur “A 5 ans, NKURUNZIZA a choisi entre vivre ou devenir fou (Emmanuel NDEREYIMANA)

  1. Uyu muntu ativuze izina ariko atuka umushingantahe NDEREYIMANA afise agashavu kenshi cane ATAHO kazomushikana! Ivyo Emmanuel avuze, sans passer à gauche et à droite, n’est qu’une conclusion TRÈS LOGIQUE! Ibi bintu nyene vyo niwe YAVYEMANZE! Yarinda guhitamwo kunywa AKO GASABIKO umupfumu amuhaye AKABAHO avec comme effet secondaire GUSARA canke se agahitamwo kwanka ako gasabiko AGAHWERA atirutse canke ngo akore ivyo ariko arakora! Comme AKIRIHO, il est évident ko yahisemwo kunywa umusabiko ahawe akabaho pour ensuite vivre avec les conséquences, qui sont les effets secondaires tumaze imyaka itari mike tubona! None ga muntu wifatiye NDEREYIMANA mu gahanga ukamutuka, reka kwiteza utunyoni comme si la conclusion NE SAUTE PAS AUX YEUX! On n’a pas besoin de MICROSCOPE pour VOIR CELA! Merci et demande des excuses à Emmanuel!

    J'aime

  2. Urakoze cane je vois que tu as gardé la liste bien intacte. CPI ishatse yokorana nawe! Yamara hari uwo wibagiye dont les actions ne sont pas moindre! Uwo nawe ni uyundi umu honorable (mbona bose ariko biyita canke bitana) BUNYONI! Urupfu rwa HAFSA MOSSI!!! Merci d’ajouter ce nom sur ta liste!

    J'aime

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s