Mbega abarundi ntaruhara bafise mu makuba turimwo ? (NDAREYIMANA Emmanuel)

MBEGA UBWO ABARUNDI TWESE NTARUHARA DUFISE MU MAKUBA UBURUNDI BURIMWO UBU ? 

Hburundi-mapariho abavuga bati: si twese ni naka na naka. Ariko tugiye kuvyihweza neza,  abashira ubusamamajonjo bwabo ahabona,  maze bakica,  bagasahura, bagapfunga beneburundi abandi bakangazwa,  ubwo ntaho twagize uruhara mu kubaha ubwo bukomezi mu bukoko bwasavye indaro mu mitima yabo?  Mbega mwibaza ko hari umukuru w’igihugu yovyishoboza adashigikiwe na bamwe mubo basangiye amabanga yo kurongora igihugu?  Sinibaza ko hari ico yoshikako mugihe hoba hariho mu bamuhanura  (Conseillers), bomubwira bati: « iyo nzira ntishika teshwa ute kirazira ». Ariko hirya no hino turumva canke turazi abagerageje guhanura dufatiye kur’iyi ntwaro yarengeje ibiringo ku nguvu. Turibuka ko uwahoze atwara iperereza ariwe général Niyombare, agitwara urwego rw’Iperereza SNR yahaye icegeranyo shebuja Nkurunziza cavuga  kiti: « Ikiringo ca gatatu kizozana ingorane ». Uyo aca arakurwa kubera yarahejeje kuvuga ivyo shebuja adashaka kwumva. Abandi ngo babibone uko, n’uwarafise iciyumviro yoshikirije, ku mutima ati: « Ishwi mama wanje ntibahave bangira nka General Niyombare ». Ariko hirya n’ino turumva abahaya ubutwari bwabo ngo barahanuye baraheza ntibumvirwa. Nta wo kwibaza ko abo bagabo n’abapfasoni bavuga uko boba bavuga ukuri kuko baba barapfunzwe canke bakangazwa. Twibuke gusa ko umwe wese yavuye mu gihugu ku bugombe bwiwe ku mpamvu zuko batumvikanye ko yobabisa ngo bamusubirire. Ahanini ico nico yapfuye n’abahanuzi biwe bahunze igihugu. Ariko nta wamuhanuye tuzi yoba yarabikoze ku mugaragaro  (officiellement ), atari Niyombare. Nawe ivyamushikiye murabizi mwese.

NONE BISHIKA GUTE NGO DUSOHORE AMACU N’IMIHORO, AMAHIRI N’INKOHO NGO TWICANE TURI BENE BURUNDI ?

Kuva na kera narindi,  uburundi bugizwe n’abemer’Imana ku bice birenga 90%. Imisi ya mungu yose mu amasengero yose mu gihugu aba yuzuye aba kristu yaba Katolika canke abaporoti tutibagiye ko n’aba islam nabo badasiba na rimwe mu ngoro zabo z’amasengesho (mosquées). Ibitabo vyeranda vyose vyigisha urukundo n’umubano mwiza, gufashanya n’ibindi vyiza bibereye abemer’Imana bose. None bishika gute ngo ku bihe runaka twese duhagurukire rimwe n’amacumu, imihoro, inkoho n’ibindi bigwanisho ngo Umwansi ni wa mubanyi,  ni ba naka bo mu migambwe runaka n’ibindi bituma abandi tubabona mwo abansi bakwiye gupfa. Mbega Turibuka ko aho duherukira mu misa twigishijwe ko kizira kwica kiremwa muntu?  Mbega Turibuka ko twahitanye ibigwanisho uburundi butatewe ku mbibe zabwo na ba kavamahanga?  None ukwo kwemera kwacu guhungabana mu kanya isase tukagandagurana,  biva kuki?  Uwufise inyishu azodutabare atubwire, maze turonderere hamwe umuti wovura ako karanda.

IMIGAMBWE CANKE AMASHIRAHAMWE ADAHARANIRA IVYICARO VYA POLITIKE, YO NTA RUHARA BAFISE MU KAJAGARI GAPFUKAMITSE IGIHUGU?

Aho hejuru twavuze ko dusenga ku rugero rudasanzwe. Aho twese turahahurira mu butandukane bwacu bwose kandi tukahava twumva ko turi bene burundi bemera Imana. Usanga imisa isohotse abaherukana kera bahoberana ukabona ko bibereye ijisho,  ukabona urukundo mu bantu. None tumaze kuja mu migambwe, kuki tudaheza ngo dusubire duhure n’abo mu yindi migambwe ngo dusubire tugaragaze gwa rukundo twagaragaza igihe twahura dusohotse misa canke dusohotse mu misigiti dusengeramwo?  Ubwo ntihoba hariho izindi nyigisho zitangwa mu migambwe imw’imwe ataho zihuriye n’ivyo twigishwa kwa Patiri,  kwa Pasitori canke kwa Imam?  Ubwo uwo kwibaza ko mu misa dusenga Imana,  twagera mu migambwe Shetani nawe agafata ijambo,  yoba yibeshe kanini?  Kenshi turakunze kwumva ko Imana ikoresha abantu ku vyiza vyose bakora,  ubwo Shetani we ntaca aza mu nyuma agaca hamwe Imana yari yaciye tumusanze hamwe mu migambwe n’ayandi makoraniro?  Turakwiye kwisuzuma bikwiye tureke kwama twasiganye inkore ku maso mu kuvugana ukuri ata ka kantu k’ikirundi ko kuvuga Ego washaka kuvuga Oya. Kakantu ko gukora igihushane c’ikiri ku mutima, kwa kwiyorobeka tukama twereka abandi igihushane c’ico turi mu vyukuri, Akarimi gasosa twese tugasanga mu migambwe. Tukemerera abanyagihugu ubuki kandi ata gitiba na kimwe dufise. Kumwe muri kahise hariho abemereye abanyagihugu ko kuzobazanira Tanganika iwabo ruguru n’ibindi bidashoboka. ….

Twikebuke nyabuna twoye kwama twibuka kuyora twasheshe. Mbega kuki twama twibuka ibiganiro bihuza abarundi kandi twamaze kwisamburirako nk’intungwa?  Mu burundi harakwiye kuba ugwego gwigenga rukurikirana neza inyigisho abantu bahabwa mu migambwe canke mu yandi makoraniro,  kuko ntivyumvikana ingene imbonerakure zogeze ku gwego ruraho mu kwica kiremwamuntu. No muyindi migambwe sinibaza ko bera. Maze imigambwe igasuzumwa ku musi ku musi kugira ngo hazogere mu matora tubikorana ubwitonzi twigishwa muri ya mashengero dusenga mwo. Nayo ubundi turacari inyuma muri vyose na hose. Muhora mu vyiyumvira mu vyegeranyo vy’abahinga ku bijanye n’ubuzima bw’igihugu mu bice vyose ko turi aba nyuma. Ico turusha abandi bose kw’isi batubwira ko ari ukurondoka gusa ku bwinshi. Aho rero tukarondoka tutatunganije ico bazofungura,  aho bazokwiga n’akanovera k’inyigisho, nta barimu bateguwe,  tutazi ngo bagwaye bazovugwa gute n’ibindi vyo Kwibagira ko igihugu kitaguka, amatongo yaze.

MBEGA NI KUKI TWIBAZA KO INGORANE ZOBA ZIVA MU NYIGISHO ABANTU BAKURA MU MIGAMBWE?

Si agaseseshwa rumuri,  turavye kuva uburundi bwikukira,  ubu tugeze ku migambwe yababa mirongitanu  ( plus ou moins 50 partis politiques ). Imigambwe imw’imwe  yavutse ku  bwinshi kubera impamvu zo kurondera amatungo ya kagwi gato ku bagize inzego nkuru z’iyo migambwe. Abanyagihugu nabo babaye imitahe ya ba nyakwubahwa abakuru b’imigambwe. Abagize ico bapfa mugusabikanya utwo basahura abanyagihugu babicishije mu ntererano,  bagaca bicamwo imigwi yiswe za « nyakuri » bakavana ku mpamvu z’amaronko atari iza politike. Reta nayo iti nyaruka tubahe uruhusha gwo gukora ku mugaragaro kubera impamvu zo ku baca inguvu  ( diviser pour régner ). Na Reta kenshi iragira uruhara ruhambaye mw’ivuka rya za nyakuri baciye kurako karanda abatwar’imigambwe bagwaye,  ko kurondera gutunga batabikoreye (Gushinga umugambwe ugaca ubona ko wabaye President, wabaye Umushikiranganji, wabaye Buramatari, wabaye Umushingamateka n’ibindi….). Baca babasekanisha imitwe bakoresheje udufaranga canke mu kwemeregwa ubuzi ku rwego runaka. Ico nico gituma imigambwe igwira gushika naho turavye nabi,  ku muvuduko w’ivuka ry’imigambwe,  mu myaka mike imbere bishoboka ko umurundi wese azoba afise umugambwe wiwe atwara. Reta nayo mukuyemerera yiv’inyuma kuko iba izi iti ni ya migambwe tutavugarumwe iriko irasambuka kuko abayigize s’abarundi bashasha baje bava ahandi atari muri bamwe baba bariko bacanamwo. Ivyo rero bikomeza abari ku butegetsi. Ingorane nuko abari ku butegetsi baca basoserwa bakibagira ko ibiringo bahabwa n’amategeko bihera bagasubirirwa. Uyo nyakwubahwa adashaka ko ibiringo bihera aba rero yaravyiteguriye ati: « uwuzovyura agatwe ngo azane ivya mandat tuzokwihurira kazima mfise amabohero n’ubutungane mu kwaha kwanje,  naratanze inyigisho zikwiye zo kwica ku rwaruka rw’imbonerakure hariya Kiba Ondes, igisoda n’igipolisi bazokora ivyo ndabategetse kuko bashonje bahembwa intica ntikize, uwutanyobotse ntazoja muri mission (Somalie, Soudan, Centrafrique n’ahandi…) kurondera ama dorari, uwuzovyura agatwe, kimwe mur’ivyo kizomuhitana ». Muratahura neza ko ataho turiko turava kandi nta n’aho turiko turaja mu nyifato nk’iyo y’abatware. Ubu turiko twandika ino nkuru nuko bimeze mu gihugu.

HOKORWA IKI KUGIRA NGO TUVAVANURE N’AKO KARANDA?

Tubanze twihweze neza igituma imigambwe yatubanye myinshi kuko amatwi adusumira, hafi imigambwe yose ifise imigambi imwe, imigambi igomba gusa nka yose,  yashikirije reta  (projets de société). Ko none ivyiyumviro bisa, bivuga ineza iterambere ry’abanyagihugu, kuki imigambwe itogaruka kuri ya ntumbero yo gukebura canke kudoma urutoke kubitagenda neza bikorwa n’abagize Reta bakomoka ku bwinshi mu mugambwe uri kubutegetsi, maze ikaba nk’ine canke itanu?  Burya barayamaze ngo: » ibinyegeri vyinshi ntivyimba ». Kera hakiriho Uprona,  Palipehutu na Frodebu,  ego nti vyera ngo de,  mwashaka n’ubwicanyi bwari nkuku ariko ico gihe hariho akaranda k’ingwara y’amoko,  intara n’utundi tuntu twamacakubiri atagira mvura. Ku bijanye na politique amajwi ahanura naho asa n’ayatumvirwa,  ariko yarumvikana kubera atazanana henshi. Ubu mu migambwe irenga mirongo ine, hari igihe ivyiyumviro biva hose mu batavuga rumwe na Reta usanga bisa. Ariko ntihagire ico bihindura kubera umwe wese aho aherereye mu mfuruka yiwe,  yibaza ko ariwe ashoboye, n’uwundi ukwo nyene. Akarorero n’ubu imigambwe yose ivuga  kwubahiriza amasezerano ya Arusha n’Ibwirizwa nshingiro. Bagahuriza ku kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Ariko murumva ko naho bose bavuga rumwe, vyanse ko babishikako kubera twa duharuro twa bamwe bamwe twamaronko. Niho tugaruka tukavuga tuti:  None ko bavuga rumwe bari mu migambwe itandukanye,  kuja hamwe bose bikaba vyaranse kubera imitego bamwe batega abandi, mbere amatwi adusumira tukumva ko harimwo n’abakoreshwa na Nkurunziza.

Twosaba ko ejo aho bukera Imana icanye,  amahoro akagaruka ko hariho imigambwe izwi ku mazina yokwiyunga n’iyindi maze tugasubira ku migambwe mike y’akanovera n’ijambo. Amashirahamwe yigenga adaharanira inyungu za politike nayo bikaba uko. Amategeko akubahirizwa kuri bose ntihagire umuntu numwe, duhereye ku mukuru w’Igihugu, aja hejuru y’amategeko nkuko bimeze ubu ku ntwaro ya Nkurunziza, Ubutungane bugakora bwigenga atagitsure, ukudahana bigasigara ar’Umugani mu Burundi.  Nayo ubundi umengo Imigambwe yabaye ubuhungiro bw’abashaka gutunga batarakora. Abanyagihugu bo bafatwa nk’ Imitahe, bama bariko basabwa intererano ku neza canke ku nguvu nabo ataho bakura. Bimwe vyogushaka gukama inka itagaburirwa.

Emmanuel Ndereyimana

Une réflexion sur “Mbega abarundi ntaruhara bafise mu makuba turimwo ? (NDAREYIMANA Emmanuel)

  1. Abarundi bose nibo bafise uruhara runini kuko nibo batanga ubutegetsi . Kwihenda birasanzwe mugabo abarundi vyarabananiye kwisubirako bagahindura ubwo butegetsi iyo babonye butabakorera ivyo babutumye gukora . Baremera bagapfa bacecetse mugabo kurira vyovyo barabizi . Rero ntihagire uvuga ngo ni bariya nibo bafise uruhara na wewe uecetse ataco ugomba kuvuga ahubwo ni wewe wica benshi kuko weho wica ucecetse . Rero umufaransa niwe yavuze ngo chaque peuple a les dirigeants qu’ils meritent . N’abarundi bishiriyeho ubwo butegetsi none nibakomeze babukomere amashi gushika aho bazoburambigwa bakabwiyamiriza

    J'aime

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s