Abahutu bamaze kwicwa na NKURUNZIZA basumba abishwe ku ntwaro za kera (NDEREYIMANA Emmanuel)

29414956456_4e879d4e5d_kMWARI MUZI KO ABAHUTU  BAMAZE KWICWA KU NTWARO YA NKURUNZIZA BARUSHA UBWINSHI ABISHWE KU NTWARO ZA KERA ? ABATUTSI BO BOBA BARARUSIMVYE ?

Kuva aho ngiriye ico nshikiriza ku ba frondeurs bamwe bamwe bari mu bagize umuryango CNARED, abo navuze ngaha nobasubiramwo amazina, ni Hatungimana Leonidas alias Tout autre, Gervais Rufyikiri, Piyo Ntavyohanyuma na Onesime Nduwimana, abo bagabo nababwiye ivyo ndabaziko kuko twarakoranye mu mugambwe cndd-fdd no mu ntwaro kuva mu mpera z’umwaka wa 2004 gushika muri 2007. Harimwo abo twakorana directement nka Onesime na Rufyikiri kuri Permanence Nationale y’ Umugambwe cndd-fdd no mu kazi ka Reta inyuma y’aho dutsindiye amatora yo 2005, abandi tukaba twarakorana mu buryo butandukanye. Mubo navuze sinokwibagira Minani Jean ataco twakoranye na kimwe mu buzima bw’igihugu, ariko ndi mu barundi benshi bazi neza amanyanga yakoranye n’umugambwe cndd-fdd  mu gihugu mu ntumbero yo kurondera amatungo.

Kuva rero aho tugiriye ico tuvuga ku bubegito bwabo bwo kwiyorobeka mu bantu, ngo bahunze Nkurunziza n’akarwi kiwe, tugaheza tukerekana neza ko abo nyene (Frondeurs + Mini Jean) bakoranye na Nkurunziza imyaka cumi yuzuye neza ya Mandats ziwe zose uko ari zibiri, Bagaheza bakamuva iruhande ari uko babona biriko birabatekurukana yabankiye kubabisa ku ntebe y’umukuru w’igihugu, bagaheza bagahungira muri CNARED bazi ngo bazinyegeza yo ntawuzomenya nakimwe ku mabi bakoranye n’umugwi usigaye ku ntwaro i Burundi urongowe na Nkurunziza, hariho abantu batari bake banyegewe n’umugera w’amacakubiri y’amoko baguma batwandikira kuri messenger ngo twaseseye agatabi abahutu benewacu. Aho niho nagira ngo nshimikire cane ngire n’ico nshikirije, Ntibagiye gushimira abaduterintege bati mwakoze igikorwa ciza kuko ukingiye ikibaba inkozi y’ikibi uba urikumwe nayo ; Abandi bakaba bafise impungenge ngo abo bagabo bazonyica. Kimwe gusa nzi neza nuko uburundi butazokizwa n’abari mu gacerere ngo batinya kwicwa. Ni mureme rero Imana irambona ntaco bazongira ahubwo buca intahe ibabaza ku mabi bakoreye igihugu na cane cane itikizwa ry’aba Hutu basangiye ubwoko tutibagiye ko n’abatutsi bari ku mushiro bicwa n’ubwo butegetsi nyene bwa Nkurunziza.

Umuntu wese ni uburenganzira bwiwe bwo kugira ico avuze ku coba cashikirijwe cose na naka canke naka. Ukakibona neza canke nabi, washaka ntugire nico ubivugako. Ariko abiyumvira ngo twariko dusesera agatabi abo bahutu mu gushira ahabona amabi bakoreye abarundi n’uburundi,  ngo n’abahutu benewenyu vyihoze, kura ivyo wanditse kuri facebook kuko ngo abatutsi baradutwenga ngo ba bahutu baratanguye kuryana n’ayandi majambo menshi ntorinda gusubiramwo ngaha ni bateshwe bate kuko tuzoruhuka bashenjejwe maze intahe ibakubite mu gahanga.

Mbega abo mwiyita abahutu, ubwo buhutu muburusha ba nde ? Abo biyita abatutsi bobo ubwo bututsi babusumvya ba nde mu batutsi ? Kumbura muve ibuzimu muje ibuntu, kuko ayo moko yanyu mushira imbere ntaco yigeze amarira abarundi n’uburundi atari amarira n’amaganya. Ubu rero hageze ko mumenya neza ko amoko abarundi bayarengeye cane kuko ataco abafasha mu mirimo yabo ya misi yose. Iterambere ry’umuntu ubwiwe nta na rimwe yarishitseko yitwaje ubwoko arimwo. Uwo amacakubiri y’ amoko yoba yaramuhaye ico arico cose, amenye ko ar’umuvumo.

None twoshika kw’iterambere ry’igihugu gute tugiye muri vya biharuro vy’abaja ngaho ngo naka n’Umuhutu canke umututsi mwenewacu tugire duhumirize canke turabe hirya ku mabi ariko akorera igihugu  n’abanyagihugu ?

Mbega ko Nkurunziza ari umuhutu, hakaba hicwa abahutu ku bwinshi muri iyi ntwaro yiwe, mwebwe bahutu mu kimujunje ko ngo mushigikiye intwaro y’umuhutu n’ayandi majambo ya muhe ngo oba n’abahutu benewacu, mbega mwa Bahutu mwe muciyumira uko canke mwumiye i nyuma y’uwudasiba kubahekura, imisi yose yamaze ku ntwaro yabikoze n’ubu akiriko mwotanga insiguro y’igituma uyo muhutu Nkurunziza ari kubutegetsi yica abahutu ku bwinshi?  Muzi ko ubu iyo ntwaro ya zyogora duhure iriko iragerageza gusambura ubumwe abarundi basanzwe babamwo, abahutu n’abatutsi bafatanye mu nda ata ngorane bafitaniye n’imwe ? Ubwo ntiyabahaye umufa w’igihuna ko mudashaka kubona no gutahura ko yabamariye abanyu?  Muzi ko ubu abarundi benshi na cane cane abahutu bari muri Nostaligie yo gukumbura intwaro ya Jean Baptiste Bagaza, ko ngo ariho baheruka gutwarwa neza nk’abarundi batobato naho atanyambo ibura agahonzi  ? Mbe murazi ko hariho abahutu benshi ubu bavuga bati:  gutwarwa n’umuhutu nka Nkurunziza ataho bitaniye no kuyoboka Shetani ?

TWEBWE ABANYAGIHUGU DUKENEYE GUTWARWA N’UW’ARIWE WESE ABISHOBOYE, ASHOBOYE GUTEZA IMBERE ABARUNDI N’UBURUNDI, YABA UMUHUTU CANKE UMUTUTSI. ARAJWE ISHINGA N’UBUZIMA BW’ABARUNDI TWESE KUKO ATA NYAGUPFA KANDI ATA NYAGUKIRA IMBERE Y’AMATEGEKO N’IBWIRIZWA NSHINGIRO VY’UBURUNDI.

Aho rero kwari ugukebura abahutu baciyumvira ko gushigikira Nkurunziza kandi duharuye neza ariwe amaze kwica abahutu benshi baruta kure hiyo abishwe ku ntwaro zihitiye nkuko nabivuze mw’ijambo ry’umutwe. Aba FNL, aba UPD-Zigamibanga aba MSD n’iyindi migwi yiciwe ababo ndazi ko bombera ivyabona.  Burya n’abo bose bamaze imisi biyahura ni kububegito bw’i ntwaro ya Nkurunziza. Ubwo bwicanyi bwose bwakozwe ahanini abo ba Frondeurs barikumwe na Nkurunziza gushika mandats zibiri zihere neza umusi ku wundi.

Tuje gatoya muri kahise n’akubu:

Uburundi bwaraciye mu makuba menshi apfukamika iterambere ry’igihugu n’abanyagihugu mu bisata nka vyose vy’ubuzima bw’igihugu. Ku ntwaro zose zihitiye, abantu baricwa, barangazwa abandi buzuzwa amabohero. Amatariki yagiye araberako igandagurwa ry’abarundi ku bwinshi canke kamwe kamwe, nta wobisubiramwo birazwi, ibindi biranditse abatari bwavuke bazovyisomera nabo bamenye aho amabi y’ayo moko avugwa bamwe bagize ikigwanisho ca politike yashikanye igihugu n’abanyagihugu.

Ubu naho abahora bakoma induru ngo abatutsi badupfukamye munda, barihagiye amatungo ya reta n’ibindi vyerekana ko abo nyene batwara ico gihe bakoresha cane ikarata y’ubwoko bwabo bw’abatutsi kugira ngo bigizeyo abahutu n’abatutsi bamwe bamwe, kubapfunga, kubica no kubangaza.  Tumaze imyaka cumi irenga abahutu nabo barashitse hamwe bipfuza ngo habe icigwa baha abatutsi ku bijanye n’intwaro ibereye. Tuze rero tubibone ! Uwitwa Nkeshimana niwe yigeze kuririmba avuga ati : « ……… mu ku kigabangana wamengo babaroze…. « ! Aho yavuga igihugu. Uwapfuye atabonye umuhutu yitwa Petero Nkurunziza ku butegetsi yarihuse!

Ehe ndabira namwe mukure uyo mutima wanyu w’ubuhutu n’ubututsi mu mitwe yanyu, hama turabire hamwe ivyo ba bahutu barondeye kuva na kera narindi kwikurako intwaro mbi y’ abatutsi nkuko vyavugwa bashitseko mu myaka cumi irenga.

a. Mu bijanye n’ubutunzi, ibipimo vyose kw’isi vyerekana ko uburundi ari ubwa nyuma.
b. Uburundi kiri mubihugu rutura mu kurya ibiturire
c. Uburundi turi mu bihugu vya nyuma mu bijanye no kuvurwa
d. Uburundi ni Ubwanyuma mu burimyi ( Icayi, Ikawa n’Ipampa, Itabi n’ibindi….) bwo bwaduha amafaranga y’agaciro
e. Uburundi, twarahariwe ivomo mu makungu kubera intwaro yica abanyagihugu ariyo yarijejwe kubakingira , ugusahura igihugu, guhonyanga agateka ka zina muntu n’ayandi mahano abategetsi bakorera abanyagihugu n’ibindi……….
f. Uburundi ubu nico gihugu bizwi kw’isi yose  ko abategetsi  bariko bategura génocide y’abatutsi
g. Ibinogo vyahambwe mwo ikivunga  (fosses communes) abagandaguwe n’ubutegetsi vyaribonekeje ahatari hake mu gihugu.
h. Mu burundi niho honyene kw’isi yose abapolisi bategereye abavuye guhamba ababo bagandaguwe n’iyo ntwaro ya Nkurunziza bakaraswa maze bagahambwa mu kinogo kimwe n’ibindi. …..

Ivyo vyose biriko bikorwa nabamwe bahora baja kw’isunzu ry’inzu ngo abahutu dutwawe nabi, turicwa, turafungwa, turangazwa. Nivyo ivyo vyose muvuga vyarabayeho. None hagukosora ivyakozwe n’abatutsi bamwe bamwe bari kuri izo ntwaro zihitiye, kwabaye ukuza kugereka ingere ku yindi ? Mbega ba bahutu mwavugira, ubu bari mu gahengwe ? None tuvahe tukaja he ?

Mbega mwari muzi ko kuri iyi ntwaro ya Nkurunziza n’akagwi kiwe bakirikumwe na ba somambike babo, abo ba Frondeurs, muri iyo myaka cumi ihaciye ya mandats zibiri vyitwa ngo hatwara abahutu, ariho hakozwe ububisha burengeye ubwo abatutsi batwara bakoze bakiri mu ntwaro za ba Micombero, Bagaza na Buyoya ? Ndabona umengo nkoze ahababaza kuri bamwe biyita abahutu gusumvya abandi, ariko ukuri kwama ari kumwe ntawuguhindura.  Tutagiye mu vyo gukingiranira ikibaba nkuko bamwe bamwe bavyipfuza, tugire ico tubivuzeko naho yose ari amabi masa.

a. Nta narimwe kuva uburundi bubaho ibigega vya reta vyari bwasahurwe ku rugero turiko uno musi mu 2016. Abafise ibiharuro bitangwa n’abahinga muzompinyuze. Ama rapports menshi ku vy’ubutunzi kw’isi aravyerekana.

b. Ubutungane bwabaye ubw’akagwi nta butungane bw’abarundi bukibaho kuri dossier iyo ariyo yose uko ingana kwose, haribwa igiturire. Abanyororo benshi mu ma bohero atandukanye y’igihugu barazi uko abacamanza  bamwe bamwe batuma aba commissionaires babo ku banyororo ngo batange amafaranga kugira ngo dossiers iterimbere canke ngo barekugwe. Ni vyaba ngombwa tuzobabwira aba magistrats basaba amafaramga abanyororo. Abayatanze n’abayasabwe bakayabura ama témoignages arahari. Abanyororo bariwe amafaranga muri ubwo buryo ni benshi cane.

c. Nta narimwe hari bwabe impunzi zuzuye ama kambi hirya no hino mu bihugu bibanyi no kw isi, zihunga abo basangiye ubwoko bari ku ntwaro atari ubu ku ntwaro y’abo bahutu nyene.

d. Ntanarimwe ama bohero yose y’igihugu yari bwuzuremwo abanyororo benshi bo mu bwoko bwabari ku ntwaro (abahutu) babaziza ivyiyumviro vyabo nk’uko bimeze ubu. Nivyo, n’abatutsi bafunzwe bazira ivyiyumviro vyabo si bake. Abo bose bazira imigambwe barimwo cane cane FNL, UPD-Zigamibanga, MSD na ba nyarucari bazira kuba batakomeye amashi abatware canke ngo bitabe ibikorwa rusangi n’ibindi bitagira ifatiro. Abarenga 95% n’abahutu.

e. Kandundura rero, abahutu bishwe kuri micombero + abishwe kuri Bagaza + abishwe kuri Buyoya = abo bose ni bake ku bamaze kwicwa n’Intwaro ya Nkurunziza. Ama rapports menshi y’abanyamahanga canke amashirahamwe akora mu vy’agateka ka zina muntu yarashize ahabona ayo mabi yose. Abakoreshwa mu kwica benshi baratanze ubuhamya. Abatutsi bicwa ubu babita ngo ni ba Mujeri. Iyo ni « Code » ba koresha muri uyo mugambi wabo wa génocide y’abatutsi.

f. Nta narimwe twari bwaronke abatware biba amatungo ya reta ku mugaragaro izuba riva ata camira. Hariho n’abivugira bakoresheje ayo moko yabo nyene bahaya ngo : Umututsi iyo yivye agatamira aca ahanagura ku munwa muhuye ntumenye ko hari ico yashize ku munwa. Nayo abahutu iyo bivye bagatamira baca bisiga hose ku munwa no ku mpuzu.  Eka bose babone ko yariye n’ibitari gwiwe. Nibaza ko bashatse kuvuga ko ari abatutsi bari ku ntwaro zihitiye , ari abahutu badutwaye baducuritse ubu, bose n’abasuma, ariko bamwe baramenye kunyegeza ivyo basahuye, abahutu nabo barasahura bakavyigamba mu kwubaka ibizu binini binini, ama hôtels, ama Stades privés igihugu kitagira namba, Imiduga izimvye kw’isi nibo bayigura n’ibindi ndagutakiye vyokwerekana ko babaye abatunzi ruhebwa. Ivyo vyose Ku mafaranga bakura hehe ko tuzi ayo bahembwa ga yemwe ! Ko tuzi neza ko n’amategeko atabarekurira kudandaza bari mu kazi ka reta, mwumva ayo matungo bahaya ava hehe Atari mu bigega vya reta. Amafaranga yagenewe imigambi y’iterambere bakayagira ayo kwiteza imbere bo nyene.

Mu gusozera twovuga tuti: Mwa bahutu mwe,  imbere yo kuja hamwe mu ma solidarites negatives ataco azodushikanako Atari kwama mu marira n’amaganya, ingo nyabuna turengere vyose, abahutu n’abatutsi tuje hamwe turabire hamwe ibikenewe gukorwa vyo shayura uburundi n’abarundi, tutaravye ngo uri umututsi canke umuhutu. Atari uko turacari kure cane kugira ngo tuzoshike kuri bwa Burundi twipfuza twese bw’amata n’ubuki.  Uburundi bukeneye abarundi bo mu bwoko bwose, amadini yose, abagore n’abagabo,  abakuru n’abato babukunda bashaka kubuteza imbere apana abicanyi n’abakunzi b’inda nk’abo tubona badutwara uno musi badusaba kubahishira amabi bariko barakora ngo nuko ari abahutu benewacu dusangiye ubwoko. Nibateshwe bate kuko bitebe bitebuke umwe wese azobazwa uruhara gwiwe imbere y’intahe tumaze kuronka ubutungane nyakuri atari ubwa bamwe abandi bakaba banyagupfa. Na kare ngo:

« UBUJAKUZIMU S’ UBUFATANAMENDE ». UMWE WESE AZOBIBAZWA KU GATWE KIWE.

Emmanuel NDEREYIMANA.

Une réflexion sur “Abahutu bamaze kwicwa na NKURUNZIZA basumba abishwe ku ntwaro za kera (NDEREYIMANA Emmanuel)

  1. Kuri Emmanuel NDEREYIMANA, wagerageje mu vyo ushoboye, kutwereka :
    -ko aba frondeurs bakoze amabi menshi ariko wibagiye kutubwira uruhara rwawe mur-ayo mabi, mwarakorana (wavyivugiye). Mbega woba waratanze imihoho mukuva mur-iyo ntwaro wagiriza ayo mabi yose? Niba utatanze imihoho ,hoba hasigaye kwibaza ko nawe utoba usunikwa n,agashavu ko kutagira ikibanza mu butegetsi buriho ubu.
    -ko abahutu bamaze gupfa ku ntwaro ya Peter basumba abahutu bishwe ku ntwaro zahitiye( Micombero, Bagaza na Buyoya). ibi bintu vyari gutahurika neza iyo utwereka ibiharuro , nizeye ko utanditse ibintu bisunitswe n,amaranamutima gusa. Nokumenyesha ko aya majambo wanditse atonetse imitima y,ababuze ab,abo mw,ihonyabwoko ryagiriwe abahutu muri izo ntwaro zahitiye uriko urashimagiza. Ibi birerekana ko uri kumwe n,abatutsi bahakana (NEGATIONISTES) ihonyabwoko ryagiriwe abahutu, kuko ntibishoboka ko ugereranya abahutu bishwe muri ziriya ntwaro zahitiye n,aboba bariko barapfa ubu, ndisobanura: abahutu bishwe mur,izo ntwaro zaheze benshi bazize ubwoko , abandi bazira ubwoko buvanze n,ivyiyumviro vy,abo. Abahutu bariko barapfa ubu (abenshi) bazira inda ndende, bakiri bato bagirwa ibikoresho namwe banyepolitike, mukabaha ibirwanisho mwibereye za Buraya, bakaja gusotora intambara badashoboye , abo barapfa kandi bazopfa kuko Peter ntazobura kwivuna atewe. Ndakwibutse ko ubutegetsi butangwa n,abanyagihugu.
    -ko mu butunzi, ikigega,… vyose ko bigeze aharindimuka kubera Peter ari kubutegetsi. N aha nyene vyoba vyiza ugiye utwereka ibiharuro vyaho igihugu cari kigeze imbere yuko Peter aja ku ntwaro. Sinibaza ko woba ushaka kuvuga ko uburundi bwoba bwarigeze bugira ubutunzi buzwi kur,izo ntwaro zahize ususa n,iwipfuza ko zogaruka. Akamaramaza nuko wifatiye mugahanga n iterambere ry icayi muri kano karere aho bizwi ko dufise umwimbu uri mu ya bambere. Abarundi dukeneye ukuri, ntidukeneye abaduca umutima, kandi kira noneho kurya atawugusumvya ubuhutu, nawe ntawe usumvya gukurikira ubuzima bw,igihugu ciwe, ntukanyerere rero aho bitagenda neza natwe tuba tuhazi, mwiyubahe, mureke gushikuza. Iyo ibigega vyaba bisahurwa nk,uko ubivuga abakozi baba bahembwa iki muri kino gihe ata n imfashanyo u Burundi buronka?

    Mugaya aho agejeje igihugu, ni uburenganzira bwanyu, ariko igikuru n uko ubu umuhutu, umututsi yumva ko akingiwe kuko ca gisirikare n,igipolisi vy,ubwoko bumwe bwaruragiza , bwica abenegihugu carasambutse(Haleluya!) , carasubirijwe, ubutagisubira inyuma, n,inzego zikingira bose. Ubu nta rya robanura nk,irya ca kimwenyi BAGAZA wawe (u na i mu mashure), Umurundi wese ubu arafise uruhusha rwo kwiga amashure yihitiyemwo bivanye n umutwe wiwe, ivyo vyose tubikesha intwari Peter yagarukiye igihugu umuborogo wari utugeze habi. Ushaka kumusubirira canke kumusubiriza rero bidaciye mu cemezo c, abarundi yabohoye, nibaza ko bitazokorohera.

    Muri make rero Peter azokomeza yivuna uwo ariwe wese ataravye ubwoko, naho wacishijemwo ko abatutsi hariho ihonyabwoko ririko rirabategurigwa. Nkurunziza yaratomoye ko uwuzotera intambara ko izoherera iwiwe. Mugeze aho rero kururagiza abarundi bato bato , mubareke bikorere uturimo twabo twa buri munsi kuko amahoro n umutekano Peter aragerageza uko ashoboye ngo boboneke. Mwebwe mukeneye ibibanza , muje guhiganwa mubicishije mu mahoro, atari ivyo izindi nzira ntaho zizobashikana.

    J'aime

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s