Mbega « Arusha ya kabiri » irashobora kugarukana amahoro ? (NDEREYIMANA Emmanuel)

mkapa-NkurunzizaMBEGA ARUSHA YA KABIRI YOSHOBORA KUGARUKANA AMAHORO N’UMUTEKANO MU BURUNDI ?

Abarundi barayamaze ngo ukuri gushirira mu ku yaga. Barongera bati Ibigiy’inama bigir’Imana.

Ego nivyo, burya abicaye bakayaga ku kibazo runaka, baratinda bagatorera umuti ibibazo bibahanze. Ariko rero, mbega kuri Aruhsa ya mbere abo barundi nyene ntibari bicaranye ku mvo nk’iyi nyene yakoranije abarundi bo mu mice yose ngo batore umuti ku bibazo vyari biduhanze?

None ko iryapfunditswe kuri Arusha ya mbere tubona ko aborishize mu ngiro aribo baheza bakagaruka bakaritera umugere, n’igiki cotwereka ko n’ubu bitebe bitebuke, hagize ijambo ripfundikwa ku biganiro vyatanguye Arusha ya kabiri, bitazoba nk’ibi vyo ku tubahiriza ijambo ryapfunditswe na bose babifashijwemwo n’abahuza be n’amakungu ?

Biribonekeza ko abarundi bari Arusha ari babandi nyene bapfundika ivyo batari bwubahirize! Ubwo nta gahaze ku banyepolitike b’iwacu I Burundi?

Tumaze kubona ko badashobora kwiyumvira  guhaguruka bakunamira umunota umwe abahitanwe n’abapolisi bakoreshwa na Nkurunziza Petero  bafadikanije n’Imbonerakure hamwe n’interahamwe zaje kwigisha kwica ata kinya,   kudashobora kwibuka abo bose harimwo abagandaguwe ikivunga bavuye guhamba ababo, bagatako bagahambwa mu kinogo rusangi (fosse commune), kandi n’ibindi binogo vyahambwemwo abatari bake twarumvise ko vyatowe hirya n’ino mu gihugu ntibihumuriza na gato umunyagihugu nyarucari. Amatwi adusumira, barahagurutse rimwe bagira umunota umwe w’agacerere bunamira nyakwigendera Umushingamateka Hafsa Mossi, ariko ivyo ntibikwiye ku nganda zimaze kugwa mu gihugu zitagira uko zingana, kandi ari naco catumye bahurira Arusha ngo barabe ingene bohagarika ubwo bwicanyi bufise amamuko ku Kwiyamiriza  kiringo ca gatatu Nkurunziza yihaye ku nguvu. Kutiyumvira rero abarundi bahasize ubuzima bazira ukutemera guhonyanga amategeko mu gihugu cabibarutse, ntibihumuriza abanyagihugu mu kwizera ko ivyo bazopfundika ari ibizozana amahoro arama.

Ukwo biri kwose uwoja ngaho ngo yihweze neza aho tuvuye, imitego n’amahano twaciyemwo, akabi n’akabibi abanyagihugu tubayemwo ubu vyitwa ngo twari dufise amasezerano ya Arusha n’Ibwirizwa nshingiro ryubatse neza, nta wo mpaririza ko dufise abanyepolitike badatomoye, badashoboye icobiyemeje haba mu bari ku butegetsi bihaye ku nguvu, canke mu batavuga rumwe na reta. Nta shamba ribura impongo, iba idahizwe! Umuntu agiye araraba ingene nka bose babaye ubusimbira hamwe, badashobora gupfundika ijambo, ngo baheze basenyere ku mugoz’umwe ( Ubugirigiri bugira babiri), ngo bagarukire igihugu bimwe biboneka, babogore igihugu kiriko kirashaya babona, bishinga umwe wese kwikwegerako ngo ni jewe nshoboye ibi na biriya ni munje inyuma, uwundi uko nyene. Uwuraho ngo nzobamara nk’ifu y’ imijira, ati ndazi aho murwaye ndabategeye ku nda zanyu,  Gashiga izobazana. Erega ntiyabeshe kuko uwigize ikivumvu bamuyoz’ivu.

Menya ko benshi mu bitavye ibiganiro vya Arusha bakorera Nkurunziza Petero , basha bokora ngo bamufashe ashike ku mpera za kino kiringo yihaye ku nguvu, kuko benshi mu bitwa ngo bari muri opposition baramukorera akabahemba, abandi barindiriye ko Arusha ishika ku ntwaro y’amagaburanyama ariyo Gouvernement de transition ou d’unité nationale  ihurikiyemwo bose, kugira ngo baronke ubushikiranganji n’ibindi bidateye iteka abarundi isinzi basheshe amaraso yabo baharanira ko amategeko yokwubahirizwa.

Amatwi adusumira hariho abitwa ngo bari mu batavuga rumwe na Reta ya Nkurunziza (opposition), batanguye gutekera ngo bagende bamusabe ikigongwe aheze abavungurire ku vyo yasahuye igihugu maze bamworohereze gutwara ikiringo ciwe ca gatatu yihaye ku nguvu, yereke abarundi n’amakungu ko akorana neza n’abatavuga rumwe na reta yiwe kurya yabigenjeje mu gushira Agathon Rwasa mu kwaha kwiwe. Abo nobabwira gusa ko uheza guhemuka ejo ibigori bikera.

Ivyo vyose, umuntu aravye abatumiwe bari Arusha ya kabiri, Umuntu abihweje neza, abaserukiye Reta ya Nkurunziza, abatavuga rumwe na Reta, amashirahamwe adaharanira inyungu za Reta, Abahoze ari abakuru b’ibihugu, abaserukiye Urwaruka, abaserukiye abakenyezi, abaserukiye Abadandaza, abaserukiye za Nyakuri mu mice yose, nukuri biboneka ko ataho turiko turava kandi nta n’aho turiko turaja. Icibonekeza nuko ibice mirenga 90% vy’abagize abo bose, atanumwe ari harya ku nyungu z’igihugu canke abanyagihugu. Abo twokwita hafi ibice 10% boba bafise intumbero yo gusubiza iteka igihugu, ni bake bazomirwa n’ibimwenyi bicaranye kuko ingingo nyinshi z’ibizopfundikwa zishobora gucishwa mu matora aho bakoraniye muri iyo nyubakwa y’amakoraniro y’ I Arusha. Akarorero si ahandi, ni murabe Arusha ya mbere, ivyo bapfunditse bitigeze vyubahirizwa ari naco gituma turi mu marushwa atagira izina, benshi n’abo nyene mubona bafashe ivyicaro muri Arusha ya kabiri, hamwe rero n’abo muri cndd-fdd bavuga bati na kare ivya Arusha ntavyo twemera kuko nta vyo twagizemwo uruhara, twasinye gusa amasezerano yo guhagarika intambara. Ntitubeshanye rero, barashobora gushika ku masezerano nkuko babikoze kuri Arusha ya mbere, ariko atarama tukazosubira mw’ihumbi vuba inyuma y’imyaka cumi igize ibiringo bibiri ntarengwa vy’uwuramutswa igihugu.

Vuba ibiganiro biratumwako ubugira kandi ngo bicare bakore, ariko haracabonekamwo agahaze. Burya mu baja Arusha  abashize imbere inda zabo nibo benshi naho utwo bakurayo ari intica ntikize, Nkurunziza niwe aheza akabihembera kubera ingene baharanira gushika ku masezerano azomugumizaho nk’umukuru w’igihugu uko vyogenda kwose maze aheze ikiringo ca gatatu yihaye ku nguvu. Kandi abo nyene, bama bipfuza ko za Arusha zogwira, hakaba Arusha ya gatatu haheze imyaka cumi, hagasubira iya kane, iya gatanu n’izindi……. kuko bazigwiza ku nyungu zabo narirya bazi neza ko quartier Kigobe yubatswe ahanini mu turusho bakuye mu biganiro vya Arusha ya mbere. Ntitubeshanye rero kuko burya ngo Agatoke kamenyereye gukomba kama gahese…..!

Mu majambo make murumva ko ata kintu twokwizera gishimishije kiva mu biganiro vy’ I Arusha canke Umuti urama abariyo bazoza batuzaniye atari ivyo gupfupfahaza mugihe abarundi dukeneye umuti urama woza urandurana n’Imizi akaranda kari mu gihugu kitwa Nkurunziza n’Akagwi kiwe gapfukamye igihugu mu nda. Umuti canke umwizero wo gutabarwa kw’abanyagihugu usigaye ku migwi yamaze gutahura ko Nkurunziza Petero yumva ururimi rumwe gusa narwo rukaba atari urundi atari UMUHETO.

Emmanuel Ndereyimana

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s