Mbega umuheto wotuzanira amahoro ? (NDEREYIMANA Emmanuel)

13501585_1755932397983574_7906738500215474991_nMBEGA UMUHETO WOTUZANIRA AMAHORO ABANYAGIHUGU TUNYOTEWE?  WOBA ARIWO MWIZERO WA NYUMA KU BANYAGIHUGU ?

Ntibikiri agaseseshwarumuri, imigwi igizwe n’abahora mu gisirikare ca Reta n’abandi boba bazi ubuhinga bwa gisirikare, baramaze kuvuga ku mugaragaro ko bariko baritunganya ngo barabe ko bogarukir’Uburundi n’abanyagihugu, bivanye n’ingene babona ko abanyepolitike biriko birabata ku wa mazi na cane cane ukutitaho bimwe biboneka ikibazo c’uburundi kw’amakungu be n’Imiryango ya Afrika igize akarere uburundi burimwo. Ukwo kudatabarwa n’amakungu kwatumye abarundi batahura ko ari ba nyamwigendako, bakaba basa n’abahagurukiye ikibazo cabo bo nyene, nakare basokuru barayamaze ngo AKIMUHANA KAZA IMVURA IHISE.

Abarundi bamaze gutahura neza ko ari ba nyamwigendako, imigwi yaravutse itari mike mu ntumbero yo kugarukira igihu n’abanyagihugu hakoreshejwe umuheto. Mu matangazo benshi bagiye barashira ahabona, barasigura neza ko imigwi yabo igiye gukoresha inguvu kubera ukugarukana amahoro biciye mu gutabarwa n’amakungu co kimwe n’Ibiganiro biriko bibera Arusha benshi bita ngo n’Inkinamico y’abanyepolitike b’abarundi, babona biri kure nk’Ukwezi. Nayo ako kagwi kagizwe n’abapolisi 228 mpuzamakungu ba ONU, bazoza gukora ata n’ikigwanisho bitwaje, benshi mur’abo bana b’igihugu bahagurutse ngo bakingire uburundi n’abarundi, babibonamwo ahubwo ukuza guhagarikira Nkurunziza ngo aheraheze ikiringo ca gatatu yihaye ku nguvu ata wumukomakoma.

Imigwi imaze kuja ahabona ikemanga ku mugaragaro ko igiye gutabara abarundi ni  nka RED – TABARA (Resistance pour un Etat de Droit); FOREBU ( Force Republicaine du Burundi) ; MRP – Abarundi ( Mouvement de la Resistance Populaire ); UPR (Union des Patriotes pour la Revolution) ; RFPB ; FLDB (Force de Liberation de la Democratie au Burundi ) ;  FNL – igizwe n’abagwanyi barongowe n’uwitwa Nzabampema n’abandi ntibuka ariko bamaze kwivuga ko buca babohora igihugu bakoresheje umuheto. Ivyo tukabibonera ku matangazo anyuranye iyo mihari imaze imisi ishira ahabona. Aha nobaha akarorero k’ Itangazo rya General Didier Nyambariza ryo ku wa 08/08/2016 aho yariterako igikumu nka President w’umuhari ufise abagwanyi MRP-ABARUNDI aho avuga ko iyo mihari yose igiye gukorera hamwe ngo batsinde umwansi ariwe Nkurunziza n’akagwi kiwe ;  Ikiganiro c’umukuru w’ingabo za RED-TABARA yitwa General Major Melchiade BIREMBA yatanze kuri Radio y’Abafaransa RFI kw’Itariki  23/02/2016; Itangazo ryo ku wa 23/12/2015 rya Col. Nshimirimana Edouard, umwe mu barongoye FOREBU hamwe n’itangazo rigufi cane FOREBU yacishije kuri Tweeter @forebu_emg ryo kw’Itariki 05/08/2016 aho bavuga ko biteguye kandi bafise ishaka ryo gukura Abarundi mu kaga barimwo. Mwitangazo Aloys Nzabampema yashize ahabona abicishije ku buryo bwa video  kuri YouTube , avuga ati: “……kugira ibibazo bihanze igihugu birangire, n uko ubutegetsi bwa CNDD-FDD bworanduranwa n imizi hakoreshejwe inking ya hatanu y Umuheto……”. Muri iryo tangazo nyene  arongera ati: “……..turateye akamo abo bose bipfuza kugwanya iyo Reta ya Nkurunziza biciye ku muheto ko twoja hamwe mu kurengera inyungu zacu tugashira imbere inyungu z’ Igihugu…..”.

Mu rwandiko umushingamateka Radjabu Hussein yashize ahabona yise « AKAMO GATEWE ABARUNDI » rwo ku wa 12/08/2016, ahamagarira abarundi gutera intege umuhari FOREBU aho avuga ati:  » …..dushaka kugira démocratie mu gihugu naho, dutegerezwa kugira ishaka, tukarwana, tukihebera igihugu, kugira igihugu cacu kigumane iteka n’itekane n’ubwigenge camanye ». Arongera ati : « …Tuboneyeho aka kanya  dusaba indongozi z’imigambwe n’imihari y’abarundi yafashe ibigwanisho ko boshira imbere inyungu z’igihugu…….abacijijanya imitima bivanye n’inyungu za politike hamwe n’uduharuro tujanye n’ibiganiro vya Arusha kuva ibuzimu bakaja ibuntu mu gushigikira umuhari FOREBU…. »

Ku banyagihugu bamwe bamwe kandi umuntu agiye arumviriza hirya no hino, wumva ko umwizero basigaranye uri ku bazobagarukira hakoreshejwe umuheto, ariko bakavuga bati:  nibitegure bazoze badahusha nkuko vyagenze  kuri ya Coup d’Etat yahushije kubera ukutumvikana kw’abayiteguye bapfa kuja ku mutwe w’igihugu bataranagishikira.  Bisigura ko nabo nyene uko tubumva mu migwi myinshi, bokora uko bashoboye bagasenyera ku mugozi umwe nkuko bivugwa na General Didier Nyambariza mw’Itangazo ryiwe kurya na General Nzabampema abivuga muri video yashize ahabona, kuko bo sinibaza ko batunganije kurya kw’imigambwe canke amashirahamwe, aho umwe wese akora ivyiwe mu gihugu. Abo bafashe intumbero yo kugwanira umunyagihugu bakoresheje umuheto, abanyagihugu babahanura gukorera hamwe, canke bazokore bari kuri commandement ya Etat Major imwe, kuko bageze mu gihugu bategerezwa kugira igisoda kimwe c’igihugu arico Armée Natinale. Umuntu rero yihweje neza, asanga inzira imwe rundende isigaye, ar’uko abo bana bigihugu bokora ibikor’inka maze bagasubiza ibintu ku murongo. Igihugu kigasubira kikaba igihugu ca bose, ata nyagupfa kandi ata nyagukira. Bene Burundi tukabana mu mahoro n’Umutekano nta ngere abavyeyi bagasubira bakavyara bagaheka. Igihugu kigasubira kikaba nyabagendwa ijoro n’Umurango ata wikeka inkozi z’ikibi iyo zozanana hose.

Ariko rero uwo vunira akagohe abo basirikare bose bacihenda ngo bafise ico bagikorera Nkurunziza nk’umukuru w’igihugu kuva ibuzimu bakaja ibuntu ntiyoba agize nabi kuko ntihararengerana, bagahamvya benewabo iyo boba bari hose bazofashanye gushayura igihugu. Kuko batabikoze ubu, bamenye ko bashobora kuba bari kuri za ntonde zategurwa na wa mugwi Nkurunziza yashinga wo kuza  urica kamwe kamwe kurya tumaze imisi tubibona ku biziga vy’abasirikare vyatowe hirya no hino mu gihugu, bicwa n’uyo nyene Nkurunziza bita ngo barakorera canke ngo barayoboka. Abandi ngo turindiriye kuja mu ma missions za Somaliya n’ahandi, murabaza abavuye Centrafrique ayo bagorewe muri Camp Gatumba. Kubijanye n’agashahara kabo hoho ntibikiri agaseseshwa rumuri, murazi ko bakoze nk’abavuye kuragirira inasenge.  Ariko ndaguye ndagarutse, nizeye ko muri ngaho mu ma kambi murindiriye ko benewanyu babatera akamo bati: ISANGO NI RYARINDI maze mufashanye kugarukira Igihugu n’abanyagihugu.

Burya akigiz’icwende ntikoga, Nkurunziza n’akagwi kiwe bashobora kuba bumva ururimi rumwe arirwo rurimi rw’Umuheto. Nayo kuja ngaho ngo umwizero w’amahoro arama tuyiteze muri Arusha ya kabiri, yaramaze kwerekana ibimenyetso vyinshi vyerekana ko ata biganiro akeneye. Ubu igisigaye nuko umuti izo ngabo zose  zamuvugutiye bawumunywesha akawunywa atagisivya. Ni mwitonde, mwitegure neza, aho bukera mumugemurire iyo ngemu mwamuteguriye.

Abari biteze ko amakungu azodutabara, ;woraba neza amanama amaze gukorana muri za UA, EAC, ONU, ingingo zo kurungika abasirikare bo gutabara bashika 5000 itigeze ishrwa mu ngiro nayo abarundi baguma bicwa n ubutegetsi uko bwije uko bukeye, mwame mwibuka ko AKIMUHANA KAZA IMVURA IHISE. Burya ngo n’ IMANA IFASHA UWIFASHIJE.

Emmanuel Ndereyimana

3 réflexions sur “Mbega umuheto wotuzanira amahoro ? (NDEREYIMANA Emmanuel)

  1. La guerre n’a jamais été une meilleure solution pour les problèmes politiques des nations!Et tout changement issu d’une crise est un début d’une autre crise!

    J'aime

  2. Mugenzi Ndereyimana Emmanuel,

    Biraboneka ko, cokimwe n’abarundi benshi, useserejwe n’uko ibintu bimeze mu Burundi. Urabaza uti mbega igihugu cokizwa n’umuheto? Wewe uvuga ko agakiza tukazeye mu mirwi itari mike imaze kwemera ko yafashe umuheto ngo irwanye Petero Nkurunziza. Iyo buba ari ubwa mbere abarundi bafata umuheto ngo bikureko intwaro « y’agacinyizo, »iciyumviro cawe nogishigikiye. Ariko ubu, biragoye kwemera ko umuheto uzokiza igihugu. Petero Nkurunkiza ubwiwe yarafashe umuheto kugira yirukane ico yita intwaro yágacinyizo. Igitangaje, yaciye arusha abo yagwanije mu gucinyiza abarundi. None, ugira unyizeze ko umuntu nka Radjabu Husein, uwo tuzi ko ariwe yabigira akabigirura kuva 2005-2007, ashobora kuza arusha abahari ubu?

    Oya, mu Burundi dukeneye abarongozi bafise ubwitonzi, bakunda igihugu n’abanyagihugu. Abo bari kuboneka ryari? None igihe Nkurunziza yavuga ko ibwirizwanshingiro rimwemerera gutorwa ubwa kabiri n’abanyagihugu (jewe sinemera ko ibwirizwanshingiro arivyo ryavuga), ninde mu banyapolitike dufise yabonye kure, akavuga ati ntaco reka turindire naho tubona ibwirizwanshingiro risiguwe nabi? Baciye bose bishimura, basigua abanyagihugu bonyene kugira babe aribo banywa umuti. Uyu musi, umunyagihugu rukoti yabuze ayo acira n’ayo amira.

    Abo barwana bagomba gusubirira Petero Nkurunziza. Bashaka nabo gutunga nkuko yatunze (numvise ngo asigaye afise amahera menshi cane). Bashaka kwifasha, ntabwo bashaka na gato gufasha abarundi, aribo twebwe. Rero abo barwanyi, bagiye kwirwanira ngo bashike kuvyo bashaka, ariko kuvuga ko umuheto uzokiza abarundi muri rusangi, ivyo ntaho bitaniye no kurota.

    Ku binyerekeye, mvuga ko bagwana batarwana, hariho ivyizigiro vy’ugukira kw’igihugu. Ukwo gukira kuzova ku bagabo b’abagabo ubu batazwi, ariko bariko barakora ivy’ubugabo, bubaka imiryango yabo bakoresheje ukuri n’ubwira bwabo.

    J'aime

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s